IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > OBR isaba abafise amazu akoteshwa gutanga amakori ku gihe

OBR isaba abafise amazu akoteshwa gutanga amakori ku gihe

mardi 21 Ruhuhuma 2017

Ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR risaba abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bafise amazu akoteshejwe kuyamenyekanisha no gutanga ikori imbere y’igenekerezo rya 31 Ntwarante,umwaka wa 2017.

Komiseri mukuru wa OBR Leonard SENTORE amenyesha ko ku amafaranga azotozwa ku nzu zikoteshejwe, ibice 60 kw’ijana vyayo azoja mu buyobozi bw’igisagara,ibindi bice 40 kw’ijana bije muri Reta nkuko biri mw’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2017.

Ku bijanye n’ingene ikigo OBR kizomenya inzu zikoteshejwe,Leonard SENTORE komiseri mukuru wa OBR amenyesha ko mu minsi ya vuba hagiye gukorwa amatohoza ariko bazobanza gukorera ku biharuro bitangwa n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura.

Leonard SENTORE arongoye OBR asaba abo iyo ngingo iraba kubikora ku gihe kuko uwuzocererwa hari ibihano bitegekanijwe ko azohabwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.