Accueil > Amakuru > umutekano > Paul Bienvenu NIYONZIMA wa Lion Story yarekuwe
Paul Bienvenu NIYONZIMA wa Lion Story yarekuwe
jeudi 12 Ndamukiza 2018, par
Ababonye ifatwa ryiwe bamenyesha ko yari mu bunywero bita "Chez Gerard" mu gisagara ca Bujumbura, hafi ya Cathedrale Regina Mundi. Nk’uko ababibonye babivuga, yatwawe mu modoka ifise ibiyo bitabonerana (Vitres teintées).
Amakuru turonse inyuma y’umwanya muto afashwe, kandi yemezwa n’uwo muririmvyi nyene, n’uko yidegemvya, inyuma y’umwanya muto yamaze afashwe.
Umurwi wa Lion Story usanzwe uririmba mu mudiho wa Raggae, ukaba uririmba kenshi ibabazo vy’abanyagihugu bigizwe n’akarenganyo, ubukene, ubutungane, ukwidegemvya n’ibindi.
Benshi mu bagize uwo murwi bari mu buhungiro kuva imyiyerekano yo mu mwaka w’2015 itanguye.
- Paul Bienvenu Niyonzima benshi batazira "Musenyeri" wo mu murwi w’abaririmvyi Lion Story
Egide NDUWIMANA