Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abatavuga rumwe n’ubutegetsi biyamirije Reta nshasha
RDC: Abatavuga rumwe n’ubutegetsi biyamirije Reta nshasha
mercredi 17 Rusama 2017
Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 16 Rusama,umwaka wa 2017 igihe abagize Reta bariko bararahira, abashingamateka batavuga rumwe na Reta bavugije amafirimbi kugira berekane ko badashigikiye Reta.
Abo bashingamateka bavuga ko Reta nshasha yashinzwe irongowe n’umushikiranganji wa mbere Bruno Tshibala itubahirije amasezerano yateweko umukono kuwa 31 Kigarama, umwaka wa 2016 hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo.
Abatavuga rumwe na Reta bagiriza umukuru w’igihugu Joseph Kabila gukora uko ashoboye kugira abandanye gutwara igihugu, naho ikiringo ciwe co gutwara caheze mu kwezi kwa Kigarama,umwaka wa 2016.