Accueil > Amakuru > umutekano > RDC : Joseph Kabila yahinduye umukuru w’igiporisi
RDC : Joseph Kabila yahinduye umukuru w’igiporisi
mardi 18 Mukakaro 2017, par
Amuli Bahigwa yatowe akaba asubiriye jenerali charles Bisengimana yatwaye igiporisi ca Kongo iharanira iharanira intwaro rusangi ya Kongo kuva mu mwaka wa 2013.

Iryo subirizwa ry’abajejwe umutekano mu gihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo ryakozwe no mu ntara ziri hagati mu gihugu, umukuru w’igiporisi wo ku mugwa mukuru Kinshasa Celestin Kanyam yasubirijwe na Sylvano Kasongo. Uwo yasubirijwe, Celestin Kanyama asanzwe avugwa mu cegeranyo c’amashirahamwe ajejwe agateka ka zina muntu ko yasinzikaje agateka ka zina muntu yongera arahohotera abantu aho ku mugwa mukuru w’ico gihugu, akaba kandi yarafatiwe ibihano na Reta zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’Ubumwe bwa Buraya.
Mwomenya ko umukuru w’igihugu wa Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo asubirije bamwe mu bajejwe umutekano, mu gihe igihugu kimaze imisi mu mutekano muke mu bisagara bimwe bimwe, aho mu mezi arangiye habaye ibitero ku mugwa mukuru Kinshasa, kw’igenekerezo rya 17 Rusama, abantu bitwaje ibigwanisho bateye ibohero rya Makala bituma abanyororo benshi batoroka.
Vianney BIKORIMANA