Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Moise KATUMBI yashize ahabona abomufasha gutwara atsinze amatora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Moise KATUMBI yashize ahabona abomufasha gutwara atsinze amatora (...)

RDC: Moise KATUMBI yashize ahabona abomufasha gutwara atsinze amatora y’umukuru w’igihugu

Thursday 5 July 2018, by vianney

Ivyo yabishikirije inyuma y’umusi umwe yemeje ko ihuriro ryiwe rya poritike rizoja mu matora y’abakuru b’intara mu gihugu cose ategekanijwe mu mpera z’uyu mwaka wa 2018.

Amakuru dukesha Jeune Afrique amenyeshako kururwo rutonde harimwo uwitwa Salomon Idi Kalonda Della avuga ko azomugira umuhanuzi adasanzwe ajejwe ivya poritike,Uyo mugabo akaba amaze hafi imyaka 20 amenyanye na Moise Katumbi bivugwako yari mu bamufasha cane igihe yari buramatari w’intara ya Katanga kandi barafashanije mu gutwara umurwi w’umupira w’amaguru wa TP Mazembe.

Uwundi yagarutse kururwo rutonde ni Olivier Kamitatu asanzwe ari umuvugizi wa Moise Katumbi akazoba ajejwe gutwara abahanuzi b’umukuru w’igihugu bose.

Moïse Katumbi afise imyaka 54, yabaye buramatari w’intara ya Katanga kuva mu mwaka wa 2007 atanga imihoho murayo mabanga ,mu mwaka wa 2015, ubu akaba amaze imyaka ibiri ari mu buhungiro.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.