Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: ONU isaba Reta gutanga uburenganzira kuri Moise Katumbi bwo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: ONU isaba Reta gutanga uburenganzira kuri Moise Katumbi bwo (...)

RDC: ONU isaba Reta gutanga uburenganzira kuri Moise Katumbi bwo kwitoza

samedi 17 Ruheshi 2017

Umurwi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu wabishikirije inyuma yaho Moise Katumbi yandikiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU yagiriza Reta ko imubuza uburenganzira bwo kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu,asaba kandi ko yokwubahirizwa mu buzima bwiwe.

Mw’ikete umurwi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU wanditse kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2017,uwo murwi werekenye ko wasavye Reta ya Kongo gukora ibishoboka vyose kugira Moise Katumbi atahe mu gihugu kandi yemererwe kwitoza mu matora ategekanijwe imbere y’uko umwaka wa 2017 uhera.

Muri iryo kete kandi Reta ya Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo yasabwe gukora ibishoboka vyose kugira Moise Katumbi acungererwe umutekano,kandi bakirinda kumuhagarika badakurikije amategeko.

Iryo kete rishobora gutuma Moise KATUMBI atahuka mu gihugu,inyuma y’ikiringo cababa umwaka yari amaze ari mu buhungiro,inyuma yo kuva mu gihugu avuze ko agiye kwivuza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.