Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ruyigi: Abana batatu bakomerekejwe na gerenade - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi: Abana batatu bakomerekejwe na gerenade

Ruyigi: Abana batatu bakomerekejwe na gerenade

jeudi 24 Myandagaro 2017

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko abo bana ari Niyokwizera alexis w’imyaka 13 ,Hafashimana Trésor w’imyaka 7 na Nizigiyimana James w’imyaka 5.

Nkuko amakuru dukesha umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE abimenyesha,hari nk’isaha icumi n’imwe n’igice zo kuwa gatatu,igihe abo bana bari baragiye ibitungwa,baca batora iyo gerenade batangura kuyikinisha,ica iraturika,ibakomeretsa mu mutwe,ku maguru,mu gahanga no mu mbavu.

Ayo makuru nyene akamenyesha ko abo bana baciye bajanwa kw’ivuriro ritoya ry’i Muriza kugira bavurwe,inyuma y’igikorwa c’igiporisi co kuraba uko vyagenze.

Mu giporisi bamenyesha ko amatohoza yatanguye.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.