Home > Amakuru > umutekano > Rugazi: Umwigisha yahonzwe ikibuye mu mutwe n’umunyeshure yigisha
Rugazi: Umwigisha yahonzwe ikibuye mu mutwe n’umunyeshure yigisha
Tuesday 10 July 2018, by
Amakuru dukesha umuvigizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza , Pierre NKURIKIYE amenyeshako Ernest BANZUBAZE yiga mu mwaka w’i 12 mu gisata c’indome amaze kubona yobewe yaciye asanga uyo mwigisha aho abandi banyeshure bariko basaba gutunganirizwa aho bakosowe nabi acahonda ikibuye mu mutwe uwo mwigisha.
Bivugwako uyo mwigisha yababaye cane ubu ariko avurirwa mu gisagara ca Bujumbura.
Ayo makuru abandanya amenyeshako uyo munyeshure amaze gukora ubwo bubisha yaciye atungwa nayo yameze ,ubu ariko araronderwa n’igiporisi mu ntara ya Muramvya aho avuka.
IGIHE
Forum posts
11 July 2018, 01:01, by Manirakiza Emanuel
Oya Ntiwomwihora Uramureka Imana Niyo Izomeny Ico Yikorera Kandi Yaravuze At Ntukihore Ahubwo Ryari Shavu Yaho Yayobewe Nukumubabarira