Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Bane bafashwe mu matohoza y’abantu baheruka kwicwa
Rumonge : Bane bafashwe mu matohoza y’abantu baheruka kwicwa
mercredi 9 Munyonyo 2016, par
Abantu bane nibo bamaze gutabwa muri yompi, mu matohoza y’abantu batatu baheruka kwicwa mu Rumonge. Abo bari mu minwe y’inyamiramabi bafashwe kuri uwu wa mbere.
Umukuru wa zone Ruteme amenyesha ko abo bose bafashwe baciye batwagwa i Magara, muri Komine ya Bugarama, mu ntara ya Rumonge.
Ayo matohoza ariko arakorwa akaba ari ay’abantu batatu bagandaguwe kw’igenekerezo rya 10 Gitugutu 2016.
IGIHE