Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe
Rumonge : Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe
lundi 26 Nyakanga 2016, par
Umuntu w’umugabo atamenyekanye yatowe ikiziga muri komine Burambi mu ntara ya Rumonge. Abanyagihugu b’ahatowe ico kiziga ntibashoboye kumenya uwo muntu, n’abajejwe intwaro bakaba batamumenye.
Ico kiziga catowe kinyegejwe mu murima w’icayi, kikaba cari catanguye gusanguka, abakibonye ubwa mbere akaba ari abanyagihugu bari bagiye mu mirima gusenya inkwi.
Abajejwe intwaro babonye ico kiziga bavuga ko uwo muntu yari amaze iminsi yoba irenga itanu yishwe, bikaboneka ko yoba yiciwe mu kindi kibanza, akazanwa gutabwa aho muri komine Burambi, intara ya Rumonge.
Ingingo yafashwe akaba ari iy’uko uwo muntu yoshingurwa, kuko ata n’umwe yamumenye.
Mu giporisi bavuga ko amatohoza azobandanya.
IGIHE
Messages
26 Nyakanga 2016, 16:31, par Kabango
Harya ngo mu Burundi namahoro 100%, ahubwo ahobukera murabamara
26 Nyakanga 2016, 20:00, par Musaga
Iragi rya Petero Nkurunziza,na bado
26 Nyakanga 2016, 20:19, par Amissi
Erega n’amahoro nyene ntibakubwiyeko abantu baticwa ahubwo biyahura,irya mivyimba ubona mu nzuzi nayo ngo n’imvubu
26 Nyakanga 2016, 20:19, par Amissi
Erega n’amahoro nyene ntibakubwiyeko abantu baticwa ahubwo biyahura,irya mivyimba ubona mu nzuzi nayo ngo n’imvubu
26 Nyakanga 2016, 21:50, par Kanuma
Uyomuntuyiciwe Ibururmuri Komine Mugamba Bamwagirje Guteragrenade Kunzuyumubanyi Iyogrnad Yahitany Abomuiyonzubos
26 Nyakanga 2016, 22:02, par Bankori
nubwo bokora amatohoza ntatubona adushikana!Nugupfagukoranyen ubu hababara abiciw ababo hakaryoherwa abishe ahubwo bobireka kwicana!
26 Nyakanga 2016, 22:03, par Bankori
nubwo bokora amatohoza ntatubona adushikana!Nugupfagukoranyen ubu hababara abiciw ababo hakaryoherwa abishe ahubwo bobireka kwicana!
27 Nyakanga 2016, 05:48, par Morodikayi Jon
Uyo yagandaguwe na zambonerakure za Nkurunziza, kuko nibo bagenda gutegera abantu mumayira bakabambura utwabo, munyuma bagakererwa nkimpene bakajanwa gutabwa mumirima ya batarashikirwa.
27 Nyakanga 2016, 09:28, par umuganwa
ESE nihehe kwisi badapfa, no mu Rwanda muhayagiza bamwe ngaha nta ndwi ihera hatishwe abantu nka bane none ivyo bitume Leta yitwa iyabicanyi kandi atariyo yatumye abicanyi? Mubandanye mwicango bizagirizwa leta ya peter we yiturije n Abana be NGO murabatutsi n umuhutu, ubujuju gusa
28 Nyakanga 2016, 03:54, par ruhara
nimuryane
28 Nyakanga 2016, 10:48, par UMURUNDI W’UMUTIMA
ABAHAWE NO KWICA NTAKINDI BOSHOBORA KUKO NA MICOMBERO YAHEREYE KURI NTARE V MWENE MWAMBUTSA AHEREZA KU BAHUTU N’ABATUTSI BATAMWEMERA. IGIHUGU SI ICANA KANDI UBURUNDI BUGONA BURI MASO!
28 Nyakanga 2016, 10:50, par UMURUNDI W’UMUTIMA
ABAHAWE NO KWICA NTAKINDI BOSHOBORA KUKO NA MICOMBERO YAHEREYE KURI NTARE V MWENE MWAMBUTSA AHEREZA KU BAHUTU N’ABATUTSI BATAMWEMERA. IGIHUGU SI ICANA KANDI UBURUNDI BUGONA BURI MASO!
3 Gitugutu 2016, 04:42, par DESIRE
MUBURUNDI IVYO NUKUBIMENYERA UYU MUSI NUYO EJO NI TWEBWE AHUBWO UBONYE URAMUTSE URAVUGETI NDARAMVYE HANYUMA USENGIMANA MURAKOZE
10 Gitugutu 2016, 23:11, par DIYOMEDE
KWIYUNVIRA.GUCOÑIVYIZA.ARIKOMUZEDÛKOMEZEKWIYEZA.KUKOATAWUZI.UMUSINISAHA.NITWAKIREUNWAMIÑUMUZAZA.NAWEAZOTUGWANIRIRA
15 Gitugutu 2016, 22:25, par NIYUK ABEL
Umuntu Yicamugenziwe Ntakabuza Umuriro Uramurindiriye Ukwazobarikose Imana Ntizoraba Umuntu Icari Imbere Y’imana Nubusa!
19 Gitugutu 2016, 21:04, par NDAYIRAGIJE
NONE UWOMUNTU YAKEREWE