Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Impunzi ziva muri Kongo zibandanya kwakirwa
Rumonge : Impunzi ziva muri Kongo zibandanya kwakirwa
samedi 4 novembre 2017
Amakuru ava mu ntara ya Rumonge amenyesha ko kuwa kane igenekerezo rya 2 munyonyo hakiriwe impunzi 12 mu gihe kuwa gatanu hakiriwe impunzi zishika 30, bagizwe n’abakenyezi n’abana.
Abo banyagihugu bava mu bice vya Mboko na Sale mu ntara ya Kivu y’ubumanuko bavuga ko bahunga ingwano zishobora kwaduka hagati y’abasirikare b’ico gihugu hamwe n’abagwanyi b’umurwi w’abarwanyi barwanya Reta Mai Mai.
Izo mpunzi zivuga ko abantu 3 bo miryango yabo bapfuye barashwe mu ntango z’iyi ndwi.
Izo mpunzi zo mu gihugu zo mu gihugu ya Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo zaciye zitwarwa n’umuryango mpuzamakungu ujejwe ivy’impunzi HCR mw’ikambi barindiriramwo y’i Cishemere mu ntara ya C’ibitoke.
Vianney BIKORIMANA