IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Ibikoresho vy’igisirikare n’igiporisi vyafashwe mw’isakwa mw’ibohero (...)

Rumonge : Ibikoresho vy’igisirikare n’igiporisi vyafashwe mw’isakwa mw’ibohero rikuru

vendredi 6 Gitugutu 2017

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko hafashwe terefone ngendanwa,inzoga itemewe n’amategeko,amacupa avamwo inzoga ata kirimwo,ibiro b’ibiri vy’uburo n’ibindi bikoresho.

Ayo makuru nyene amenyesha ko ibindi vyafashwe muri ico gikorwa co gusaka ari amagarama abiri y’urumogi,imbugita 21,ivyuma 5,ikiro c’isukari, intsinga zikoreshwa mu gushira umucanwa muri terefone.

Mu bikoresho vya gisirikare,umuvugizi w;igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko hafashwe inkofero imwe y’igisirikare,urusase rumwe,n’impuzu zitanu z’igiporisi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.