IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rutana : Abaporisi binjiye bigoranye gusaka mw’ibohero rikuru rya (...)

Rutana : Abaporisi binjiye bigoranye gusaka mw’ibohero rikuru rya Rutana

mardi 18 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe abaporisi bari bazindukiye gusaka muri iryo bohero mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, abanyororo bavyiyamirije, bazibira inzira zose zinjira muri iryo bohero, bongera batera amabuye hanze hamwe no mu bibanza birimwo abaporisi.

Abajejwe umutekano bari baje gushira mu ngiro ico gikorwa bahavuye bongerezwa, babona kwinjira. Imiryango igera kuri 18 yugara muri iryo bohero niyo umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko yabomowe yongera irandurwa n’abanyororo.

Mw’isakwa ryakozwe, Petero NKURIKIYE avuga ko hafashwe terefone ngendanwa 12, hafi ibiro bibiri vy’urumogi, inzoga zitemewe n’amategeko, imyambaro itatu y’igiporisi c’Uburundi, imbugita 15 n’ibindi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.