Accueil > Amakuru > umutekano > Rutana : Umutama w’imyaka 62 yishwe arashwe
Rutana : Umutama w’imyaka 62 yishwe arashwe
mardi 14 Ruhuhuma 2017, par
Umuntu umwe yihwe mu ntara ya Rutana, muri komine Ngoma. Abishe uwo muntu bakaba bataramenyekana.
Uwishwe ni umutama w’imyaka 62 azwi kw’izina rya NDIKUMANA Methode. Amakuru atangwa n’ishirahamwe Ligue ITEKA riharanira agateka ka zina muntu avuga ko uwo mutama yarashwe mu bucagucagu bwo kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha cumi z’ijoro. Mu gihe yari ageze kw’ibarabara Ngoma-Musongati, yarashwe amasasu mu kuguru, abamurashe bongera bamucumita imbugita mu nda hamwe no ku mutwe.
Uwo mutama yarashwe ariko aja gutora ifumbire ya kijambere, nk’uko muri Ligue ITEKA babivuga, akaba yaciye ajanwa ku bitaro vya Rutana, aho yasandabiye ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere nk’igihe c’isaha umunani.
Abakoze ubwo bugizi bwa nabi ntibaramenyekana.
Muri Ligue ITEKA bamenyesha ko mu ndwi yo kuva kuwa 6 gushika kuwa 12 Ruhuhuma 2017, ikiziga kimwe arico catowe, abantu babiri baborezwa igufa, batatu bakorerwa amabi afatiye ku gitsina, hamwe n’abandi 37 bahagaritswe amategeko atubahirijwe.
IGIHE
Messages
14 Ruhuhuma 2017, 10:27, par Ntakirutimana Jonatan
Turahojeje umuryango wabuze bihangane, kubakoze ayo mabi ni zambonerakure zahawe ibirwanisho zamugandaguye ntabandi, kuko nibo barara barakizura ijoro ryose hamwe naba porisi.Nkaboneraho gukebura abasigaye bagihumeka, uburundi uko twabuziga kera bwarahindutse! kera umuntu yavyukira ahashaye agafaturugendo akazorinda ashika atanakayabu bihuriye munzira, ubu siko biri nimufate ingende habona nibakwica bakwice habona, nimba wofata urungendo rwijoro, ubusazwe wiyemera ijana kwijana, bitaruko nureke ugende habona.
14 Ruhuhuma 2017, 13:17, par Nshimirimana Claude
Turahojej Umurya Wabuz Uwab Bihangan
14 Ruhuhuma 2017, 14:56, par Kambale
Uwo ntawundi wishe uwo mutama ni Desire Uwamaraso
14 Ruhuhuma 2017, 21:16, par nestor
Imana igarukire uburundi
15 Ruhuhuma 2017, 05:58, par .
Imijeri, irateye isoni, none kobishe uwomutama bibaza kobaca bafata uburundi?
Muzokwicwanintuntu nkuko nakabwejereye muvuga ngo Imbonerakure ziramaze abantu ngira mwabonye ko nabantubambere bomuri mijeri kwaribobatanguye kwandika kwiyinkuru imbejagira ivugango n’Imbonerakure zihekuye mukwica uyimuhisi yishwe ni mijeri.
16 Ruhuhuma 2017, 00:02, par CIZA ERIC
Nukur Birababaje Cane Kubona Umuntu Yicwa Ariko Ntakundi Jew Ndasabiy Kumana Abakoze Iryobara Ntibazoronke Amahoro Nabonyene
16 Ruhuhuma 2017, 00:08, par CIZA ERIC
Abobabisha Turasavye Imana Ibaduhe Guko Baje Gutoba Muri Rutana Harangwa Amahoro Ahobarihose Bamenyeko Ijisho Ry,imana Ribabona
16 Ruhuhuma 2017, 00:10, par CIZA ERIC
Abobabisha Turasavye Imana Ibaduhe Guko Baje Gutoba Muri Rutana Harangwa Amahoro Ahobarihose Bamenyeko Ijisho Ry,imana Ribabona