IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruvubu : Umwe yapfuye, uwundi arakomereka mw’isanganya ry’imodoka

Ruvubu : Umwe yapfuye, uwundi arakomereka mw’isanganya ry’imodoka

mercredi 24 janvier 2018

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE amenyesha ko iyo modoka yatembagaye nk’igihe c’isaha indwi n’igice kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero 2018.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, avuga ko iryo sanganya ryavuye ku mvo y’uko uwariko atwara iyo modoka atashoboye gukurikirana neza uko yariko iragenda.

Pierre NKURIKIYE amenyesha ko umufasha w’uwariko atwara iyo modoka (convoyeur) yitavye Imana amaze gushikanwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Gitega, mu gihe uwariko atwara iyo modoka yakomeretse mu mutwe.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ umutekano amenyesha ko abakorera ishirahamwe Interpetrol bari kumwe n’ abakozi b’ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR baciye bahashika baca bavomera igitoro mu yindi modoka y’ishirahamwe Interpetrol.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.