Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Abitwaje inkoho basahuye amafaranga agera ku miriyoni (...)
Ruyigi : Abitwaje inkoho basahuye amafaranga agera ku miriyoni 11
mercredi 5 Mukakaro 2017, par
Abantu batatu bari bavuye kuri iyo soko nibo batewe n’abo bitwaje ibirwanisho nk’igihe c’isaha cumi z’umuhingamo wo kuri uwu wa kabiri. Babiri muribo bagizwe n’umugabo umwe azwi kw’izina rya BUCUMI Nicodeme hamwe n’umugore umwe azwi kw’izina rya KWIZERA Joy nibo bakomerekejwe n’amasasu yarashwe n’abo bitwaje inkoho, bakaba bariko bavurirwa ku bitaro vya komine Gisuru, mu ntara ya Ruyigi.
Mu giporisi bamenyesha ko batarashobora kumenya ivyibwe abo babiri, kuko baremvye aho bari ku musego, bakaba batarashobora kuvuga.
Uwugira gatatu yarashoboye kubaca mu ryahumye, nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, ariko amafaranga yari afise agera ku miriyoni 11 z’amarundi aribwa.
Mu giporisi bavuga ko babandanya kurondera uwo murwi w’abitwaje ibirwasho bivugwa ko bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya.
Egide NDUWIMANA