Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Gerenade zitatu zatowe mu gitiba c’inzuki
Ruyigi : Gerenade zitatu zatowe mu gitiba c’inzuki
mardi 30 janvier 2018
Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko izo gerenade zo mu bwoko bwa Offensive zamuka mu gihugu c’Ubushinwa, zatowe na NDUWARUGIRA Daniel, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umutaga, mu gitiba c’inzuki c’umuntu azwi kw’izina rya Isaac NIYONKURU, mu gitara cegukira ishengero Methodiste Libre.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko NIYONKURU Isaac yari amaze igihe agiye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, ku mvo ziwe, n’ubu zitaramenyekana.
Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko igiporisi kimaze kuronka ayo makuru, caciye kija gutora izo gerenade, ubu zikaba zibitswe, nayo amatohoza akaba yamaze gutangura.
MUGISHA Van Naris