Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Imifuko 63 y’umwavu w’ikizungu yafashwe igomba yinjizwe muri (...)
Ruyigi : Imifuko 63 y’umwavu w’ikizungu yafashwe igomba yinjizwe muri Tanzaniya
lundi 30 octobre 2017
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi n’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE amenyesha ko iyo mifuko yafashwe igomba yinjijwe mu gihugu ca Tanzaniya n’abantu indwi hakoreshejwe amakinga yabo indwi.
Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha kandi ko abo bantu indwi bafashwe n’ayo makinga yabo,ubu amatohoza akaba yamaze gutangura.
Umuvugizi w’igiporisi akavuga ko ico gikorwa cakozwe mu ntumbero yo kurwanya urudandazwa rwa magendu.
MUGISHA Van Naris