Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Umugabo n’umugore wiwe batewe gerenade
Ruyigi : Umugabo n’umugore wiwe batewe gerenade
mercredi 21 Kigarama 2016, par
Abantu bataramenyekana bateye gerenade umugabo n’umugore wiwe bariko barataha mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, muri komine Butaganzwa, intara ya Ruyigi. Abo batewe gerenade bariko biyunguruza bari kw’ipikipiki, bakaba bari bageze ku rugo rwabo, nk’igihe c’isaha zine z’ijoro. Umugore asanzwe yari umwigisha yaciye yitaba Imana aho nyene, umugabo nawe arakomereka.
Abajejwe intwaro muri komine Butangazwa bamenyesha ko amatati y’amatongo ariyo yoba ari inyuma y’ubwo bwicanyi, kuko uwo mugabo yatewe gerenede yari asanzwe afitaniye urubanza muri Sentare n’umugore wiwe wa mbere bari baravanye, uwo yitavye Imana akaba yari umugore wa kabiri.
Mu giporisi mu ntara ya Ruyigi bavuga ko amatohoza yamaze gutangura.
IGIHE
Messages
24 Kigarama 2016, 20:55, par Nzobonariba
Turasavyekwamatohozayokogwahakaboneka Abobicanyi,,kugirabahanwe,,
26 Kigarama 2016, 18:39, par Sabumukama Prudence
nibamuhane uwomugore mukuru
1er Nzero 2017, 09:39, par Mayoya
Ntibashoke Baca Bagirira Nabi Uwo Mugor Ahubwo Nibakor Amatohoza Ninguvu