Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare ntahinyuzwa yafashe ingingo zikomeye ku vyaha bizokorwa mu (...)
Sentare ntahinyuzwa yafashe ingingo zikomeye ku vyaha bizokorwa mu matora
mercredi 25 Ndamukiza 2018, par
Mw’itangazo ryasohowe na Sentare ntahinyuzwa kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2018, Agnes BANGIRICENGE umuvugizi w’iyo Sentare yasavye abashikirizamanza hamwe n’abacamanza kwama bagavye kugira bazokurikirane inkozi z’ikibi zoshobora gukora ivyaha. Mu gihe ivyaha vyokorwa, imanza zizocibwe ikibiriraho nk’uko bitegekanijwe n’amategeko.
Muri ryo tangazo, Agnes BANGIRICENGE asaba abatwara amaparake hamwe n’amasentare gutegura abakozi bakwiye kugira ntihagire inkozi yikibi yobaca mu ryahumye mu gihe c’ayo matora yimirije.
- Agnes BANGIRICENGE umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa
Iryo tangazo rirangiza risaba abanyagihugu hamwe n’abarongoye imigambwe kwirinda gukora ivyaha bisanzwe canke bijanye n’amatora, kuko mu gihe vyokorwa inzego zibijejwe zizobahana hisunzwe amategeko.
Vianney BIKORIMANA
Messages
25 Ndamukiza 2018, 10:07, par kankindi
ico nico aho vyabereye ni kera
25 Ndamukiza 2018, 10:08, par NTuzobamare kalimu
Igihano c"urupfu no gufungwa vyakarorero birakenewe mu Burundi kuko abantu bigeza nki mpene zitangira uwuziragira
25 Ndamukiza 2018, 12:57, par Niyonzima
Andika hanondabashimiye Kuvyamwamenyesheje Biratuma Abarundi Bazokwigishanya Atawuteze Ikinogo Uwundi Twametuzi Uzoshira Isoni Ninyuma Yamatora Azohanwe Nuremganya Akabesha Gobamukubitiye Abagwanyi Nawe Azaharwe
25 Ndamukiza 2018, 13:22, par Busurahende
Ati imanza z’ikibiriraho? Ubwo butungane ni nyabaki? Ko mbona hari imanza nyishi bama bavuze ngo amatohoza mugabo ntiyigere abaho?
25 Ndamukiza 2018, 14:23, par Cankuzo
Nibabanyare iyomihimbiri yibipinga yitubahareta
25 Ndamukiza 2018, 17:19, par Eric
Nikobitegerezwakugenda Kuberinzavyininyinshi
25 Ndamukiza 2018, 18:09, par NIYUNGEKO ALEX
IVYO NIVYO KANDI AMARADIYO NABAJEJWE INTWARO BABIVUGE UWUZOBIRENGAKO YIMENYE HAMA NDASAVYE UWANKA IYI LETA NAGURISHE ITONGO YIGIRE MUBUBIRIGI KANDI AZOBAHO NEZA NAYO AKAGUMAHA AFATA ZA GRENADES ARAFASHWE NIGENDEREZA UBUTARARIYE HAMA ANYONGWE MWASI WE TINYA IMBONERAKURE UTINYE NIPEREREZA KUKO UBU WEWE WANKA LETA NYOKO WAWE NI INBONERAKURE NA SOWAWE OK
26 Ndamukiza 2018, 17:53, par carlos
Ayo n’amategeko yo guhana umuntu wese azokwigisha canke agatora "OYA" nivyo bita ivyaha bikomeye ewe barundi turacarwowe
30 Ndamukiza 2018, 17:33, par claude
ubutungane bukore nokumbonerakure bube kubakoze ivyaha bose
31 Rusama 2018, 19:53, par Simon Nimubona
Andika hano