Accueil > Amakuru > umutekano > Somaliya: Imodoka y’abasirikare b’abarundi yaguye mu mutego wa Al (...)
Somaliya: Imodoka y’abasirikare b’abarundi yaguye mu mutego wa Al Shabab
mardi 3 Gitugutu 2017
Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko ico gitero cabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya Mogadiscio, mu gihe abasirikare bariko bava ahitwa i Masla baja ahitwa Academie.
Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare c’Uburundi avuga ko ata musirikare n’umwe w’umurundi yakomeretse, ariko ko imodoka barimwo ariyo yononekaye ica itwarwa n’iyindi modoka.
MUGISHA Van Naris
Messages
4 Gitugutu 2017, 10:25, par karimu
Reka nibarize Mon Colonel ingene umuduga yononekaye hanyuma abasirikari bose bakavamo ari bazima? Erega niyo hoba hari abapfuye turazi neza ko ata musirikare ugenda ku rugamba atazi neza ko yopfa canke yakomereka
5 Gitugutu 2017, 08:33, par Hafsa
Barapfuye bose,BBC yarabitangaje,henda abandi Mr Gaspard Baratuza