IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Judo > Uburundi bwakiriye ihiganwa ry’inkino za Judo z’abakiri bato

Uburundi bwakiriye ihiganwa ry’inkino za Judo z’abakiri bato

jeudi 10 mai 2018

Abakinyi b’urukino rwa judo 200, bagizwe n’abahungu n’abigeme, nibo bitavye iryo higanwa ryatanguye kur’uno wa kane igenekerezo rya 10 Rusama 2018.

Ibirori vyo gutanguza ku mugaragarao iryo higanwa, bitegekanijwe inyuma y’umutaga wo kur’uno wa kane,isaha icumi z’umugoroba, bikaza kuba vyitabwe na bamwe mu barongozi bakuru b’igihugu.

Izo nkino zizomara iminsi ine, kuva kur’uno wa kne igenekerezo rya 10 Rusama 2018, gushika kurya 13 Rusama 2018.

Izo nkino zizofasha kuronka abakinyi b’urukino rwa Judo bazoja mu nkino mpuzmakaungu z’urwaruka zizobera I Buenos Aires mu gihugu ca Argentine mu mwaka wa 2018, hamwe n’inkino mpuzamakungu zo kunonora imitsi zizobera I Tokyo mu Buyapani, mu mwaka wa 2020.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.