Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi mu kibanza ca nyuma ku rutonde rw’ibihugu abantu babayeho mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubutunzi > Uburundi mu kibanza ca nyuma ku rutonde rw’ibihugu abantu babayeho mu (...)

Uburundi mu kibanza ca nyuma ku rutonde rw’ibihugu abantu babayeho mu munezero

jeudi 15 mars 2018

Nk’uko biri mu cegeranyo c’igisata ca y’igisata ca ONU citaho ivy’umunezero (World Happiness Report 2018) cagiye ahabona ku wa gatatu igenekerezo rya 14 Ntwarante 2018, Uburundi bwabonetse mu kibanza ca nyuma mu bihugu 156 vyakozweko ayo matohoza .

Ico cegeranyo ciswe UN’s annual World Happiness, kikaba gisohoka buri mwaka aho urwo rutonde rukorwa hisunzwe, imyaka yo kubaho kw ‘abanyagihugu, ukwishira n’ukwizana kw’abanyagihugu, ivyo binjiza (PIB), kugira Ubuntu, kubaho ata giturire gitangwa mu gihugu.

mu bihugu 156 kw’isi vyakozweko ayo matohoza, igihugu ca Finlande nico kiza kw’isonga, hagakurikira igihugu ca Norvège mu kibanza ca kabiri, hakaza Danemark mu kibanza ca gatatu, aho igihugu kibanyi c’Urwanda kiza mu kibanza ca 151

Ico cegeranyo gisohotse imbere y’uko umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umunezero kw’isi uhimbazwa, kw’igenekerezo rya 20 Ntwarante 2018.


Oscar NDAYISHIMIYE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.