Kenshi turakunze kwumva mu kibano bavuga bati urya muntu iyariko aravuga mu kanwa ntamota neza na gato, aho haba ari mu rupfasoni kuko benshi bakunda kuvuga bati urya muntu aranuka mu kanwa. Iyo ariko aravuga wumva womubwira akegerwayo. Mbega kunuka mu kanwa vyoba arigwara?
Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro
Impanuro
-
Kunuka mu kanwa yoba ari ingwara? Umuntu afise ico kibazo yogira gute?
4 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA -
Inkurikizi mbi y’ukunywa inzoga ku bakiri bato
5 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANAInzoga ni mbi ku magara y’umuyabaga cane gusumba umuntu akuze kuko bataba barakomera haba ku mubiri mbere no mu buryo bw’ibigumbagumba. Utuyoga duke ataco dushobora kwica na kimwe ku muntu akuze turashobora gukwegera ingaruka mbi zitoharugwa ku magara y’umuyabaga.
-
Abakobwa bambara ama "Strings" baragabishwa
6 Nzero 2015Abakobwa bambara uduhuzu two munsi two mu bwoko bwa "Strings"baragabishwa kubera ingaruka mbi ku magara ziterwa n’utwo duhuzu. Basabwa guhagarika kwambara ayo ma "strings".
Ku cigwa cakozwe n’abaganga Dr Jil Rabin na Dr Shieva Ghofrany bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu mwaka w’2013, barerekanye ingaruka mbi zitegwa n’ama "Strings". Ingaruka mbi ya mbere itumwa n’uko ako gahuzu ko munsi gakozwe n’ipampa "coton" bigatuma agace gatoyi gafuka igitsina gore kadashobora gukinga umuyaga canke (...) -
Impanuro zo gufungura mu minsi mikuru ya Noel n’umwaka mushasha
25 Kigarama 2014Mu minsi mikuru, haba ku bifise, haba ku babayabaye canke ku batifise, abantu bose baragerageza kwinezereza, mu gukora ivyo batahora bakora, haba mu kwambara canke mu gufungura. Mu gutegura iminsi mikuru, birakwiye ko umuntu wese yiyumvira ingene agiye kwinezereza kuko iyo habaye indenzarugero muri iyo mice yose, bishobora kugira inkurikizi inyuma y’iyo minsi mikuru.
Dufatiye nko ku bijanye no gufungura mu minsi mikuru, ni ngombwa ko umuntu wese yicungera, kugira ntahave afungura (...) -
Ibintu 10 vyerekana ko wagize ico wimariye naho atavyo wamenye
13 Munyonyo 2014Abantu benshi baribaza ko ataco bashoboye mu buzima, bamwe bakabona bagenzi babo batunze imiduga myiza, amazu meza n’ibindi bishobora kwerekana ko umuntu ahiriwe mu buzima. Hari utuntu dutoduto abantu birengagiza kandi dushobora kubereka ko hari ico bamaze (réussite).
Ibintu 20 vyerekana ko umuntu yagize ico yimariye mu buzima bwiwe (réussite):
1) Imibereho yawe yarahindutse ntikiri nka kera
Muri kahise ushobora kuba wari ufitaniye imigenderanire mibi n’abandi kubera iki canke kiriya. (...) -
Ni kuki ari ivyankenerwa gufungura ubwoko bw’imfungurwa zose?
12 Myandagaro 2013Mu bwoko butatu bw’indya buhari, nta na bumwe bwari bukwiye kwibagirwa mu gufungura. Muri Ntanganguvu tuhasanga ahanini nk’ibiterwa mva kuzimu, ari nk’ibiraya, ibijumbu, umuceri, n’ibindi. Imfungurwa ndema mubiri, ni nk’inyama, ibiharage, amafi, amagi, ubushaza, ibizinu, n’ibindi. Muri nsanganyangaburo naho, n’imboga n’ivyamwa bivugwako cane.
Ubwo bwoko bw’imfungurwa uko ari butatu busanzwe burimwa hano mu Burundi, mbere n’ibice bigera ku 90 kwi 100 vy’abarundi bakaba babeshejweho n’igisata (...) -
Ni uyuhe mwanya ukwiye mu gukoresha terefone ?
2 Mukakaro 2013Gukoresha terefone ngendandanwa ni ngirakamaro na cane cane mw’itumatumanako amakuru. Ingorane ni uko usanga abenshi batazikoresha mu mwanya wazo wa nkenerwa.
Kw’isi yose haravugwa impanuka zikunda guterwa n’imodoka, n’amapikipi, canke n’amazu yasenyukiye ku bantu, ariko impanuka ziterwa n’ukutubahiriza ibisabwa n’amategeko ntizivurwe kandi ziri muzibangamira abakiri bato. Akarorero, kubagendesha imiduga, ametegeko agenga amabarabara abasaba ko bogenda barikanuye, bashizeko umukaba ukingira (...) -
Umuti paracetamol ushobora gutera ugukorokerwa ku bagabo
8 Ruheshi 2013Ku cigwa cakozwe na Inserm ,kunywa ibinini vyinshi bimwe bigabanura ububababare canke bimwe vy’umutwe bita paracetamol canke aspirine vyoba bituma hari ibintu bimwe bimwe umuntu abura, bigabanya bimwe vyitwa hormone n’ukuvuga bimwe bituma umuntu uduhimba tw’’umubiri dukura, mbere bigashobora gutuma umuntu agira ubugumba.
Impande y’izo ngorane zose, kumeneka umutwe n’ubundi bubare, abantu benshi barakunda kwama baca bafata iyo miti kenshi na kenshi ariyo yambere inyobwa cane kw’isi yose. Ariko (...) -
Impavu zitanu nziza zotuma umuntu afungura ivoka
6 Ruheshi 2013Ivoka ifise amavuta muriyo, ariko ni imfungurwa nziza yongerereza ivyunyunyu ikagira n’akanovera iyo uyifunguye.
Abantu benshi banka kuyifungura kuko ifise amavuta menshi muri yo, ikagira n’amakarori. Mw’ivoka rimwe kubisanzwe harimwo amakarori 138 ni g 14,1 y’amavuta. N’ubwo biri uko, ni imwe mu mfungurwa nziza zo gufungura. Ng’izi impamvu zitanu zotuma umuntu afungura ivoka iminsi yose :
1. Ivoka rifise ubutunzi muma « caroténoïde
Iyo caroténoïde ifasha mu gukingira indwara zimwe zimwe (...) -
Urutonde rw’utuganuke dutosekaza imigenderanire y’urukundo
3 Ruheshi 2013Namba hari ikintu kigoye ni ukugura utuganuke. Iyo hageze gutanga utuganuke hari imirwi ibiri y’abantu. Hari bamwe ataco bibabwiye kugurira abandi utuganuke no kudutanga ugasanga mbere bavyifatamwo neza cane. Namba umuntu ari muri babandi babira icuya hageze gutanga utuganuke umwitwarariko wo kugura utwo tuganuke usanga ari mwinshi cane. Ariko rero aho hose waba uri mu murwi umwe muri iyo biragoye kumenya ko washitse ku ntego wihaye yo kunezereza mugenzi wawe. Uko bimeze inkurikizi z’ivyo (...)