Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kunuka mu kanwa yoba ari ingwara? Umuntu afise ico kibazo yogira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Kunuka mu kanwa yoba ari ingwara? Umuntu afise ico kibazo yogira (...)

Kunuka mu kanwa yoba ari ingwara? Umuntu afise ico kibazo yogira gute?

mercredi 4 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Ntawovuga ko atari ingorane. Oya namba uretse ko iyo umuntu atamota neza mu kanwa aba atorohereza abamwegereye, ahubwo ni ikimenyetso c’ingwara. Iyo ni inyishu ya Muganga Leonard BIVAHAGUMYE yanonosoye ivyo kuvura ingwara zo mu mazuru, mu mihogo no mu matwi ivyo bita ORL mu rurimi rw’igifaransa. .

Muganga BIVAHAGUMYE abandanya ati : "Kunuka mu kanwa biva ku bintu vyinshi. Ni ukutagira isuku ryo mu kanwa, aho usanga umuntu atiyugumura neza ukwo bikwiye, ingwara usanga ari iz’amenyo haba kuvunguka kw’amenyo, ingwara zo mu mihogo, mu mazuru, eka naharya mwihemero, ibiivyimba vyo mu kanwa, ingorane zo mu nda, kuvyo umuntu aba yafunguye canke yanyoye, n’ibindi.

Ni gute umuntu wenyene yomenya ko afise ingorane y’ukunuka mu kanwa?

Kenshi rero mu kibano abantu baratinya kubwira umuntu asohora impwemu zinuka iyo ariko aravuga. Kubwa Muganga yanonosoye ivyo kuvura ingwara zo mu mazuru mu mihogo no mu matwi, hari uburyo bwo kwiyumviriza. Ubuhinga buhari ni bubiri.

Umuntu arashobora gufata ibiganza vyiwe bibiri agashira ku munwa nk’uwugira ahamagare kure agaca ahemeramwo atazuguruye agaca yumviriza impwemu zamugarutsemwo ingene zimota.

Ubundi buhinga kugira yiyumvirize, umuntu arafata akirigata mu kiganza agaca amara umwanya mutoyi harya rero hameze nkahumye agaca yimotereza mu kiganza. Ico gihe rero araheza akumva ko impwemu ziwe zinuka nabi canke ari ibisanzwe.

Mbega ni ngombwa ko umuntu aja kwa muganga?

Kubwa muganga yanonosoye ivyo kuvura ingwara zo mu mazuru, mu mihogo no mu matwi, kenshi iyo umuntu yumvise ko mu kanwa hanuka, ica mbere abwirizwa gukora ni ukubanza agasuzuma ko isuku ryo mu kanwa rikwiye, riba iry’amenyo cane cane iry’ururimi.

Abantu bariko bariyugumura bacisha ku menyo no ku majigo bakibagira ururimi ivyo navyo bigatuma kuri urwo rurimi habonekamwo twa dukoko bita "Bacteries" dutuma umuntu agira impwemu zinuka.

Umutu rero amaze gusuzuma kwafise isuku rikwiye mugabo akaguma amota nabi araheza akivuza. Mu kwivuza ahera ku baganga bavura amenyo.
Gutyo kwa muganga babonye ko atari ingorane y’amenyo bararaba ibindi vyoba bivako.

Umuntu atagiye kwa muganga hari ngaruka mbi, kuko bivana n’ico vyavuyeko.

: "Hari igihe aba ari ikimeyetso c’ ingwara murico gihe dusazwe tuzi ko iyo umuntu ativuje adaheza ngo yoroherwe mugabo naho biba ari ibisazwe bivuye ku suku rike mu kibano ntibiryoshe na gato.", uko niko Muganga ahanura.

Muganga arangiza atanga impanuro kuri abo bose bafise iyo ngorane n’abatayifise, ko bokwirinda iyo ngorane yo kunuka nabi mu kanwa, ko bokwiga gufungura neza, harimwo gufungura inyama nke, ama foromaje make, bakanagabanya ikawa hamwe n’inzoga, canke bakabifata ku rugero ruto.

Umuntu kandi yoheza akijukira gufungura imboga icayi, cane cane icitwa "Thé vert" kizwi nk’igabanura impwemu mbi. Umuntu yokurikiza kandi impanuro za muganga mugufata imiti bamwandikiye neza.

Igisigaye umuntu yogira isuku rihagije ryo mu kanwa, akiyugumura bihagije , umujigiti akawucisha ku menyo no ku rurimi neza ntihagire aho yibagira, ivyo akabigira gatatu ku munsi uko ahejeje gufungura.


Ornella DUSHIME

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.