Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Impanuro zo gufungura mu minsi mikuru ya Noel n’umwaka mushasha
Impanuro zo gufungura mu minsi mikuru ya Noel n’umwaka mushasha
jeudi 25 Kigarama 2014
Mu minsi mikuru, haba ku bifise, haba ku babayabaye canke ku batifise, abantu bose baragerageza kwinezereza, mu gukora ivyo batahora bakora, haba mu kwambara canke mu gufungura.
Mu gutegura iminsi mikuru, birakwiye ko umuntu wese yiyumvira ingene agiye kwinezereza kuko iyo habaye indenzarugero muri iyo mice yose, bishobora kugira inkurikizi inyuma y’iyo minsi mikuru.
Dufatiye nko ku bijanye no gufungura mu minsi mikuru, ni ngombwa ko umuntu wese yicungera, kugira ntahave afungura ibizomuzanira ingaruka mbi ngo n’uko abironse gusa mu minsi mikuru.
Mu minsi mikuru, indya nyinshi zitekwa akenshi mu buryo zitahora zitekwa kuko zongerezwamwo ibintu vyinshi bizihindura, aho twovuga nk’amavuta, ibirungo, ibisosa, bagashiramwo isukari nyinshi, n’ibindi.
Zimwe mu mpanuro muganga Bertrand Guerineau asanzwe anavura abantu bagize ingorane zivuye kuvyo baba bamfunguye, zivuga ko umuntu wese aho yoba ari kwisi yose, kutikinga inyuma y’iminsi mikuru mu gufungura ivyohava vyonona amagara yiwe. Muvyo umuntu wese asabwa kwirinda : ni gufungura urugezo ruri hejuru rw’ivyo yahora afungura, haba ku mavuta yo mu ndya, isukari, canke no mu kunywa inzoga.
Ku bari bafashe ingingo yo kwisonzesha imbere y’iminsi mikuru kugira bagabanuke « régime », basabwe kutoca babihagarika muri iyo munsi mikuru. Ari naco gituma atari na vyiza kwisonzesha iminsi mikuru yegereje kugira birinde kuzohava bafungura cane kandi mu buryo atari bwiza muri iyo minsi mikuru.
Inyuma y’iminsi mikuru ya Noweri na Bonane, abantu bose bahanuwe kwinonora imitsi kugira bashobore gusohora neza ivyo bafunguye muri iyo minsi, haba amavuta canke isukari yoba yiyongeye mu mubiri.
Mwomenya ko hari n’abantu bahora bahasiga ubuzima bwabo biturutse ku ndya nyinshi baba bafunguye mu minsi mikuru.
Mariella Bukuru
Messages
25 Kigarama 2014, 15:03, par nwari
Nibaza ko mutavuga muburundi?barya vyishi,babikuyehe?
25 Kigarama 2014, 18:48, par MBIMBI
Basha nanje ndibaza ko uwo vyogirira nabi nuwoba yabironse none n’uwahora anarara n’ubusa nibaze ko atohava aturonka ngo yibagire ejo naho!! Abo biza bihitana nuko baba bazi ko n’ivyejo biriho!!
26 Kigarama 2014, 07:03, par keita
reka reka,bivah vyotuma turwar?twob twiyibgiye!!
26 Kigarama 2014, 16:28, par nahayo
Navyo kurya vyo mu misi ibiri , itanakurikirana vyica umuntu. Kera ko mutabivuga nuko muzi ko bitaboneka.
Nkabavuye mwishamba bo novyemera kuko babirya nkabamaze 15 ans batabironka. Nayo umaze imyaka 60 afungura neza ntiyoca abihagarika
4 Ndamukiza 2018, 23:42, par Viaip
Yemwe Yemwe !Yagahimbokaj Kibagiza Kwugara Peee.