IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubushikiranganji bw’umutekano bwihaye amanota 90 kw’ijana ku vyaranguwe muri (...)

Ubushikiranganji bw’umutekano bwihaye amanota 90 kw’ijana ku vyaranguwe muri 2017

mercredi 27 décembre 2017

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kuruno wa gatatu igenekerezo rya 27 Kigarama 2017 ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka wa 2017,umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni yamenyesheje ko umwaka wa 2017 waranzwe n’umutekano ukwiye mu gihugu cose c’Uburundi, naho hari ubukozi bw’ikibi bumwe bumwe bwibonekeje.

Umushikiranganji w’umutekano Alin Guillaume BUNYONI yavuze ati : “Bumwe mu bukozi bw’ikibi bwibonekeje mur’uno mwaka n’ubujanye no gutera ibisasu ntezwantoki,ubwicanyi bufatiye kwihorihori no gupfa ibintu,amatati afatiye ku ndyane z’amatongo n’ayandi matungo,kugerageza kugandagura abantu,kwiyahura,amasanganya yo mw’ibarabara,kudandaza abantu ,gukora no gukoresha ivyiganano,guturira imiriro ya nyakanga.”

Mu masakwa angana 12675 yakozwe mu mwaka wa 2017,umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI ashikiriza ko hafashwe inkoho 132,amabombe ya marotiye 60,ibisasu ntezwantoki 392.

Ibindi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka wa 2017,n’amaritiro 698650,5 y’inzoga zitemewe n’amategeko yasheshwe,uturwi 245 tw’inkozi z’ikibi twasambuwe,inkozi z’ikibi 8024 zafashwe ,ibiro 18351,5 vy’urumogi n’udutu 16589 vyafashwe hamwe n’ibiti 1575 vyavyo vyaranduwe.

Ku bijanye no gukingira ibidukikije ,ubushikirangabnji bw’umutekano buvugako bwateye imivyaro y’ibiti ingana 42083 .

JPEG - 37.1 ko
Alain Guillaume BUNYONI,Umushikiranganji w’umutekano

Umushikiranganji w’umutekano yavuze kandi ko ubwo bushikiranganji bwubatse ibitaro bikuru vy’igiporisi vyatumye abantu bashika 340 mu bavyituye bavurirwa mur’ivyo bitaro.

Naho hari vyinshi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji bw’umutekano,umushikiranganji abujejwe yashikirije bimwe mu ngorane bahuye nazo ari ibijanye no kubura uburyo bukwiye hamwe n’ibura ry’ibikoresho canke vyabashikira bitevye .

Ubwo bushikiranganji buvuga kandi ko naho bahuye n’izo ngorane, ihangiro bwari bwihaye yashitsweko ku bice birenga 90 kw’ijana.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.