IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umugore yafashwe yataye umwana mu kazu ka surwumwe

Umugore yafashwe yataye umwana mu kazu ka surwumwe

lundi 5 février 2018

Amakuru dukesha ababanyi b’uwo mugore,bo ku mutumba wa Mweya amenyesha ko bamubonye yibungenze haraheze iminsi, hanyuma aribaruka, ariko icabatangaje n’uko bagiye babona imbayi atayo agifise kandi ata mwana babona afise.

Ayo makuru nyene amenyesha ko bamaze kwikeka ko yoba yarataye umwana mu kazu ka surwumwe, bahavuye bamufata baramubaza, kuva ku munsi wa gatanu abazwa yahavuye yemera kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2018,ko uwo mwana yamutaye mu kazi ka surwumwe, ari naho baca bamukurayo.

Amakuru ava aho ku mutumba wa Mweya amenyesha ko uwo mugore azwi kw’izina rya Aline ,yari asanzwe afise abana batatu, bose boba badasangiye umuvyeyi, ubu ariko abazwa abavyeyi babo bana.

Abajejwe intwaro ku mutumba Mugoboka,baremeza ayo makuru, bakamenyesha ko kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 4 Ruhuhuma yashikanwe mu minwe y’abajejwe umutekano, kugira ace ashikirizwa ubutungane.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.