Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umukenyezi wa nyene ubunywero Chez Andre asaba ko uwiwe arekurwa
Umukenyezi wa nyene ubunywero Chez Andre asaba ko uwiwe arekurwa
mercredi 4 Nzero 2017
Umukenyezi wa nyene ubunywero chez Andre aho uwahoze ari umushikiranganji w’ibidukikije yateramiye ubwa nyuma imbere yuko yitaba imana arasiwe imbere yaho yaba muri zone ya Rohero asaba ko nyene ubunywero n’abakozi babibiri barekurwa kuko amatohoza ashoboka bidegemvya.
Veina Stam amenyesha ko bumvise urupfu rwa Emmanuel Niyonkuru batangaye nkabandi bose bumvise urupfu rwiwe mu gatondo ko kuw’Imana igenekerezo rya 1 Nzero 2017.
Uwo mukenyezi amenyesha ko umushingantahe wiwe aho apfungiwe abayeho nabi, ariko ko inyuma yo kugerageza bikanka yahavuye aronswa uburenganzira bwo kumuha imatera aryamako.
Veina Stam asaba ko umushingantahe wiwe yopfungwa mu buryo bubereye kuko asanzwe afise n’indwara zivuye ku busaza.
Arangiza amenyesha ko kuba umushikiranganji yarasiwe ku rugo iwe , nyene ubunywero n’abakozi bakora mu bunywero atabona ingene boba babifisemwo uruhara.
IGIHE
Messages
5 Nzero 2017, 01:03, par Morodikayi Jon
Nakarenganyo gakomeye ntabwo woba muhira urikukazi kawe, munyuma uwiciwe muhiriwe, ngo bigaruke kuwo bitarikumwe mwakokanya kokwicwa!? abo bakozi hamwe nashebuja wabo bariko babonerwa gusa, ntibitangaje iyigihugu kitagira amategeko niko vyama vyagenze. Ntakundi bihangane Imana yomwijuru irikumwe nabo.
8 Nzero 2017, 20:56, par philbert
none yukumudamu wiwe avugayukoaho apfungiwe afatwanabi bamufata gute inyishu.