IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umukozi wa REGIDESO yatowe ikiziga mu Kanyosha

Umukozi wa REGIDESO yatowe ikiziga mu Kanyosha

samedi 18 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Lydia NIBOGORA, umupfasoni yahora akora mw’ishirahamwe REGIDESO ridandaza amazi n’umuyagankuba mu Burundi yatowe ikiziga aho bita mu Kizingwe, muri zone ya Kanyosha, mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo yagandaguwe n’abantu bataramenyekana yahora aba muri karitiye ya Jabe, muri zone Bwiza. Abamuheruka irya nyuma bavuga ko hari kuri uwu wa gatanu mu gatondo, agiye ku kazi kiwe ka minsi yose, ariko akaba atagarutse.

JPEG - 118.9 ko
Lydia NIBOGORA, umupfasoni yahora akora mw’ishirahamwe REGIDESO

Ikiziga ciwe cari kiboshe, mbere bikaboneka ko bakubiswe mu mutwe. Yajanwe mu buruhukiro bw’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled mu Kamenge.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.