IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umumenyeshamakuru wa NET PRESS yamaze isaha mu minwe y’igiporisi

Umumenyeshamakuru wa NET PRESS yamaze isaha mu minwe y’igiporisi

jeudi 31 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo mumenyeshamakuru avuga ko yafatiwe kw’ihoteri Albatros mu gisagara ca Bujumbura, ajanwa muri PJP (Police Judiciaire des Parquets) aho yamaze hafi isaha ariko arumvirizwa.

Norbert RUCABIHARI amenyesha ko abo baporisi bamusavye Terefone ngendanwa yiwe kugira barabe ibirimwo, ariko basanga atayo yagendanye. Uwo akorera ikinyamakuru NET PRESS avuga ko atumva ingene yohagarikwa uwo mwanya wose ataco yagirizwa, akarekurwa atabwiwe n’igituma yari yahagaritswe. Avuga ko yatewe ubwoba n’ivyamushikiye.

JPEG - 9 ko
Norbert RUCABIHARI, umumenyeshamakuru wa NET PRESS

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko batararonka amakuru akwiye y’iryo hagarikwa ry’umumenyeshamakuru Norbert RUCABIHARI. Petero NKURIKIYE avugira agiporisi yemeye ko ahava agira ico ashikirije mu makuru yacu yo hanyuma.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.