IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Umunsi mukuru w’umweranda Valentino ntubonwa kumwe na bose

Umunsi mukuru w’umweranda Valentino ntubonwa kumwe na bose

mercredi 14 février 2018

Padiri Amando KANA, ajejwe ubutumwa bw’ingo n’imiryango mu kigo ca Foyer de Charité, avuga ko umunsi mukuru w’umweranda valentino ataho uhuriye n’ingeso z’abafata uwo munsi mukuru nk’uwo kuja mu buhumbu canke gutwarwa n’ibishobisho, ariko ko ari umunsi wo kugaragaza urukundo rw’ukuri rutagira uburyarya, rwo kwitwararikana,urukundo rw’iteka ku bubakanye canke ku bari mu rugendo rwo kwubakana.

HAKIZIMANA Claudette, inkumi y’imyaka 24, avuga ko ata kamaro ko guhimbaza uwo munsi mukuru, akavuga ko abakundana batorindira iminsi mikuru ihuruzwako na bose kugira bagaragaze urukundo rwabo.

Claudette ati « Saint Valentin yohimbazwa ku munsi abikundaniye bahisemwo kuwuhimbaza.Ku bwanje hoba nko kw’itariki bamenyaniyeko. »

Gaspard NTUNZWENIMANA nawe, afise imyaka 35, abona ko uwo munsi mukuru ari uw’abifise baba bashaka kwiryohererwa, kuri we akabona ko ataco umaze.

Nayo Bernadette KANEZA, umuvyeyi w’abana 4 arababazwa n’urwaruka ruja mu buhumbu bakavyitirira « ugukundana », ku bwiwe akabona ko uwo munsi mukuru ukwiye guhimbazwa n’abubatse gusa.

Abadandaza b’utuganuke baraharonkera akoyokwe.

Révérien HABONIMANA, akora akongera akanadandaza amashurwe iruhande y’ishuri rito rya Athéné, aho twamugendeye mu masaha y’umutaga,yavuze ko ku munsi w’umweranda Valentino ahora aronka akunguko, n’aho avuga ko uno mwaka atari co kimwe n’imyaka iheze.

Avuga ati :« Mu myaka yahera, isaha zitandatu zagera amashurwe yaheze, ariko uwu mwaka mbona abayagura ari bake cane.Nizeye ko ku muhingamo tuza kubaronka. »

Kahise k’uwo munsi mukuru witiriwe umweranda Valentino, nk’uko tubibwirwa na Patiri Amando Kana, Umweranda Valentino yishwe azira uguhezagira mu mpisho inkumi n’imisore ishaka kurangura ibanga ry’abubakanye, mu gihe Umwami yitwa Claude II yari yatanze itegeko ryo kutabirana, Padiri Amando Kana arahamagarira urwaruka kudacafuza uwo munsi mukuru mu kuja mu ngeso zitabereye.


BUKURU Pacifique

Messages

  • Ikibazo Jewe Mfise Ni Iki ? None Uwo Musi Mukuru W’ Umweranda Valentin ; Muri Make ; Wohimbazwa N’ Abamaze Kwubakana Gusa Canke ?? Bavuze Abari Murugendo Gwo Kwubakana ; Twokwumvamwo Abamaze Gucagurana Kandi Bageze Mubigero Vyo Gushinga Ingo Vuba ? Mbajije Ico Kibazo Kuko Nkunze Kubona Nabakiri Bato Bataragera Kuntambwe Yokwubaka Usanga Bakundanye ( Nukuvuga Abahungu N’ Abakobwa Bataranashina Imyaka 17 Bavyitwararika Kuwuhimbaza !) None Abo Kusanga Kenshi Na Kenshi Bakiri Abanyeshure Bo Mu Mashure Mato Mato Ndetse Nayisumbuye ; Uwo Musi Bararekuri Kuwuhimbaza. Muraduhe Inyishu !!. Murakozo !!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.