Accueil > Amakuru > umutekano > Umusirikare wo mu bacunga umutekano w’umukuru w’igihugu c’Uburundi (...)
Umusirikare wo mu bacunga umutekano w’umukuru w’igihugu c’Uburundi yirashe
lundi 7 Myandagaro 2017, par
Colonel Gaspard BARATUZA umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi aremeza ayo makuru, akamenyesha ariko ko mu gisirikare c’Uburundi bataramenya icatumye Caporal Chef NISHEMEZWE yirasa. Colonel BARATUZA avuga ko amatohoza yatanguye, kandi ko ata kimenyetso na kimwe cari cerekana ko uwo musirikare yoba yari afise uburwayi bwo mu mutwe canke iyindi ngorane iyariyo yose.
- Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi
Caporal Chef NISHEMEZWE yari amaze amezi atandatu agarutse mu Burundi, avuye mu bikorwa vy’ukugaruka amahoro yari yarungitswemwo mu gihugu ca Centrafrika.
Uwo musirikare yavuka mu ntara ya Muramvya, akaba asize umugore n’abana bane. Ikiziga ciwe kiri mu buruhukiro bw’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled mu Kamenge.
Caporal NISHEMEZWE abaye umusirikare agira kabiri mu bacunga umutekano mu biro vy’umukuru w’igihugu apfuye yirashe mu kiringo kirenga gato umwaka umwe, inyuma y’uwirashe mu kwezi kwa gatandatu 2016, yongera akomeretsa mugenzi we mu masasu yumvikanye ahakorera umukuru w’igihugu c’Uburundi (Présidence de la République du Burundi), mu gisagara ca Bujumbura.
Egide NDUWIMANA
Messages
7 Myandagaro 2017, 15:38, par Mukire
ivyo ibisazwe , iyo urinda umukuru w’igihugu, amenyeko hari amabanga yiwe mabi abamukuriye bamenye aca yirasa mbere yuko nawe bamwitanga bakamwica urwagashinyaguru bagirango abahe amakuru.
7 Myandagaro 2017, 16:13, par Hicuburundi
Iryo n’iragi rya Peter Nkurunziza,akari inyuma karahinda
7 Myandagaro 2017, 17:17, par Albert
Uyo n’umuvumo uri kuri abo mwita abategetsi b’ico gihugu.
7 Myandagaro 2017, 21:38, par HARINDINTWARI
YOO,NTAKUNDI,IMANA,NIMWAKIRE,AGIYE,TUTAMWASE,
8 Myandagaro 2017, 13:30, par BUSURAHENDE
Abo ni bamwe bahabwa akazi babakuye hamwe PC yavuga agaca abizira be n’umuryango wiwe. Ko bari baramurungitse muri za Centrafrique wumva atari asigaje ijuru canke umuriro udahera?