Accueil > Amakuru > umutekano > Umutekano w’umuryango w’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA urabangamiwe
Umutekano w’umuryango w’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA urabangamiwe
mardi 28 Ntwarante 2017, par
Umutekano w’umuryango w’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA yaburiwe irengero urabangamiwe, inyuma y’aho abantu batamenyekana basutse mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, amaraso ku rugo rubamwo umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA n’abana biwe biwe babiri. Abo bantu baranditse kandi ku ruhome bakoresheje amaraso, bakaba banditse ijambo "KEBA". Barateye n’amabuye ku nzu y’umuryango w’uwo mumenyeshamakuru.
Ayo maraso abo bantu bakoresheje mu kwandika iryo jambo barayasutse kandi hasi, kuri urwo rugo ruri muri zone ya Kamenge, mu gisagara ca Bujumbura. Godeberthe HAKIZIMANA, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA akabona ko iterabwoba ririko rimukorwako, agasaba ko umutekano wiwe wokwubahirizwa.
- Godeberthe HAKIZIMANA, umukenyezi w’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesheje ko bataramenya ivyo vyabaye ku rugo rw’umupfasoni w’umumenyeshamakuru BIGIRIMANA, bakamusaba ko yokwitura igiporisi hamwe n’ubutungane.
Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi n’imboneshakure REMA, ariko akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yaburiwe irengero kuva kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016.
Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, kuva ico umuryango ukaba utazi irengero ryiwe.
Mu murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina bararondeye mu busho bwose barabura, aho tukabamenyesha ko kuva agifatwa, OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano.
Amezi umunani niyo aheze atawuzi irengero ry’uwo mumenyeshamakuru.
IGIHE
Messages
28 Ntwarante 2017, 09:49, par NIYONKURU BOSCO
JAMANI KWANINI DAMU INAENDEREYA KUMWAGIKA YA WARUNDI WENZENTU?SEREKARI INACHUKUWA HATUWA IPI?SOTE NIWANA NDUNGU ACHENI KUUWANA.MURAKOZE.
28 Ntwarante 2017, 13:29, par Karori
Ntakundiniyihanganeamenyereubuvfakazinikobimezemurikigihegusaimana ntishoborakwemerakobi gumaukobimezeukundemezakobizohinduka nimbamuburundihobaha ribatatubasegaimananu kurindabahayeumutwaro wogusegeraigihugunubu tegetseabafiseimitimaiko mantayeimanaiyijajagure kand.i zobikorakukonibiyarabikozenibindizeyekoizobikora
28 Ntwarante 2017, 16:50, par sivyubu
yiturigi polici cimufashi?ubutungane buzoteba buzoboneka
30 Ntwarante 2017, 20:41, par softboy NewOnce
Man fash abarund nuburund
1er Ndamukiza 2017, 17:21, par Ndikumuzi Gashatsi
Emwe Ivyomuburundi Biragoye Arikobitoba Hamabizoheratu