IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuvugizi w’igiporisi aragabisha ku busuma bukorwa n’uwiyita icegera (...)

Umuvugizi w’igiporisi aragabisha ku busuma bukorwa n’uwiyita icegera c’umuvugizi w’igiporisi

jeudi 30 novembre 2017

Abicishije ku rubugwa rwiwe rwa Twitter,umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo muntu akoresha isanamu y’icegera c’umuvugizi w’igiporisi OPP1 Moise NKURUNZIZA agakoresha na nimero ya terefone ngendanwa 75 565776 mu guhenda abantu.

Umuvugizi w’igiporisi asaba ko abo uwo muntu yorondera batomwishura, mu kurindira ko igiporisi c’Uburundi kimuhagarika.

Ubu ni bumwe mu butumwa uwo yiyita icegera c’umuvugizi w’igiporisi yacishije ku buhinga bwa Whatsapp asaba ko bamurungikira amafaranga 2000 vy’amarundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.