IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Festicab > Umwumvikano w’ugukorana hagati ya FESTICAB hamwe na Kaminuza yitiriwe (...)

Umwumvikano w’ugukorana hagati ya FESTICAB hamwe na Kaminuza yitiriwe umuco

mercredi 26 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

FESTICAB hamwe na Kaminuza yitiriwe umuco (Universite Lumiere) bateye umukono kuri uwu wa gatatu ku masezerano y’umwumvikano w’ugukorana hagati y’izo mpande zompi.

Ubuserukizi bwa Kaminuza yitiriwe umuco bumenyesha ko bwashimye gufashanya n’abariko bategura isabukuru ry’amareresi "FESTICAB 2017" kugira bashigikire ivyo bikorwa. Paul NTUKAMAZINA, aserukira imbere y’amategeko ishure Kaminuza ryitiriwe umuco yashikirije ko ari akunguko kuri iyo Kaminuza, kuko abanyeshure bo mu gisata c’ugutumatumanako amakuru bazohora bimenyereza babifashijwe na FESTICAB, bungure ubumenyi, bongere bashikirize ibikorwa vyabo mu mahiganwa atunganwa.

Leonce NGABO, umukuru wa FESTICAB yashimiye iyo Kaminuza yabaye iya mbere mu gukorana n’iryo sabukuru ry’amareresi, akizera ko n’ayandi makaminuza azotera intambwe nk’iyo ya Kaminuza yitiriwe umuco.

Isabukuru FESTICAB ry’amareresi rigira icenda rizotangura kuva kw’igenekerezo rya 19 gushika kurya 26 Rusama 2017, icivugo c’uwu mwaka akaba ari : « Ireresi n’agateka k’umukenyezi. »


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.