Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi n’amareresi y’abo ari mw’isabukuru ry’amareresi i Arusha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Festicab > Abarundi n’amareresi y’abo ari mw’isabukuru ry’amareresi i Arusha

Abarundi n’amareresi y’abo ari mw’isabukuru ry’amareresi i Arusha

mardi 23 Nyakanga 2014

Isabukuru y’amareresi iriko ibera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, Abarundi batari bake bakora ibijanye n’amareresi canke bayakina baratumiwe mw’isabukuru.

JPEG - 23.4 ko
Abari mw’isabukuru i Arusha

I Arusha muri Tanzaniya haratangujwe isabukuru ry’amareresi izomara indwi yose kuva kw’igenekerezo rya 20 Nyakanga gushika igenekerezo rya 27 ukwo kwezi nyene. Ku ruhande ry’Abarundi, haratumiwe Ngabo Leonce asanzwe arongoye isabukuru ry’amareresi mu Burundi "FESTICAB", Floriane Kaneza arongoye umurwi w’abakinyi b’amareresi "ITULVE".

Ku ruhande rw’amareresi, ireresi ndende i MASHOKA yanditswe na Jean Marie NDIHOKUBWAYO na "Ashley" ya Ibra KWIZERA nizo zatowe guseruka muri iyo sabukuru.

Mu nyigisho z’ibijanye n’amareresi, ivyigwa bitari bite birategekanijwe. Muri izo nyigisho, Abarundi 3 bariko baronswa izo nyigisho ku cigwa " Umwitwarariko w’urwaruka hamwe no kwijukira imico n’akaranga vyo muri Afrika", nabo ni Lynda Kana, Hussein Butoyi na Emy Emery Nsengiyumva.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.