Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Festicab 2015: Uko ibirori vyo kwugurura vyari bimeze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Festicab > Festicab 2015: Uko ibirori vyo kwugurura vyari bimeze

Festicab 2015: Uko ibirori vyo kwugurura vyari bimeze

samedi 25 Ndamukiza 2015

Isabukuru y’amareresi mu Burundi(Festicab) yaraye yuguruye ibikorwa vyayo vy’incuro y’indwi. Iyugururwa ryabaye mu gihe uwo bita"marraine du Festicab" atari mu birori.

Ibirori vy’uyugururwa rya Festicab vyatewe iteka n’abanyacubahiro harimwo Adolphe Rukenkanya aramutswa ubushikiranganji bw’urwaruko inkino n’imico kama, abandi baje bava mu bindi bihugu nk’umukinyi w’amareresi Poupoune Sesonga(Rwanda), na Martin Mhando, yavuye muri Tanzaniya, abo bose bagize kandi umurwi utanga amanota(Jury). Gihan Fadel, umukinyi w’amareresi wo muri Egypte ari nawe "marraine" w’uno mwaka, ntiyaje mu birori ku mvo z’akazi nk’uko vyavugiwe ngaho.

Umurisho w’ingoma, intambo nshasha z’umurwi intatana, hamwe n’amareresi yerekanywe vyari bimwe mu bikorwa vyariko biherekeza urubanza. Tutibagiye umuririmvyi Bobona nawe yaryoheje ibirori ku gicurarangisho c’igitari hamwe n’indirimbo ziwe zitari bwavuzwe.

Amajambo yose yavuzwe yagarutse ku civugo c’umwaka " IRERESI N’AGATEKA KA ZINA MUNTU". Aho Ngabo Leonce avuga ko ico civugo catowe kugira bahamagarire abategura n’aabkina amareresi kwitaho amareresi ajanye n’ivy’agateka ka zina muntu. Eka n’umushikiranganji Adolphe Rukenkanya ashigikira ico civugo kuko muri kino gihe c’amatora harakenewe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, democrasi hamwe n’iterambere.

Uwaserukiye ishirahamwe Brarudi, avuka ko iryo shirahamwe ryiyemeje kuzokwama rishigikira ibikorwa vya FESTICAB mu kirindo c’imyaka itatu(3).

Mwomenya ko hagiye gutangura kwerekana amareresi mu bibanza bitandukanye vyo mu Burundi nka: ikigo c’abafaransa(IFB), ikigo co mu Kamenge(CJK), mu kigo ca Kaminuza(CELAB), ikigo ndangakaranga(Meet’we) na BUJA Café. hamwe n’ibibaza vyo hagati mu gihugu nka "Cinéma des Anges yo mu Ruyigi", ikigo "Alliance Française c’i Gitega na kaminuza y’i NGOZI.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.