IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Festicab > FESTICAB 2015: Iyugururwa ry’ibikorwa n’icapa gishasha c’umwaka

FESTICAB 2015: Iyugururwa ry’ibikorwa n’icapa gishasha c’umwaka

mercredi 4 Ruhuhuma 2015

Isabakuru y’amareresi mu Burundi yatanguje ibikorwa vy’incuro y’indwi y’ihiganwa y’amareresi ( 7eme edition). Uburongozi bwa FESTICAB bwarerekanye ku mugaragaro icapa gishasha kizokoreshwa uno mwaka.

Ibirori vyo gutanguza isabukuru ry’amareresi mu Burundi ku ncuro yaryo y’indwi, vyitabwe n’abategetsi batari bake baje ku butumire bwa Ngabo Leonce aramutswa FESTICAB. Aha tuvuga umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama.

Mw’ijambo ryiwe, Adolphe Rukenkanya, umushikiranganji w’inkino, urwaruka n’imico kama yaremanze ko ubshikiranganji arongoye butazohengeshanya gushigikira ibikorwa vya FESTICAB kuko bifitiye amakaro katari gake igihugu, harimwo kugabanya ubushomeri buhanze urwaruka hamwe no gutenza imbere urwaruka rukina amareresi.

PNG - 101.2 ko
Icapa gishasha kizoranga FESTICAB 2015

Eka si Rukenkanya gusa, uwaserukiye ishirahamwe BRARUDI rifashe mu mugongo aravuga ko n’ishirahamwe aserukira ryamye hafi y’ibikorwa vya FESTICAB. Avuga ko ireresi yabaye iya mbere mu mwaka uheze w’i 2014( i Mashoka) yahawe akazi n’iryo shirahamwe ku bijanye n’ukubakira amareresi ku kinyobwa ca Heneiken, avuga kandi ko bazobandanya bafasha cane muri ico gisata.

Ngabo Leonce yamenyesheje ko icivugo c’uno mwaka ari;" IRERESI N’AGATEKA KA ZINA MUNTU". Ibirori vya FESTICAB vy’uno mwaka bizoba bihagarariwe(marraine) n’umukinyi w’amareresi wo mu gihugu ca Egypte Gihan Fadel.

Uwo aserukira isabukuru ry’amareresi avuga ko itariki yanyuma yo kwakira amareresi azoja mw’ihiganwa ari igenekerezo rya 07 Ntwarante 2017, nayo ibikorwa nyezina vya FESTICAB 2015 bizotangura kw’igenekerezo rya 24 gushika ku rya 30 Ndamukiza.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.