IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Festicab > FESTICAB: Uko ihiganwa ry’umwaka w’i 2015 ritunganijwe

FESTICAB: Uko ihiganwa ry’umwaka w’i 2015 ritunganijwe

vendredi 17 Ndamukiza 2015

Isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi mu Burundi ryatunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho havugwa uko itungwanywa ry’incuro y’indwi ritunganijwe.

JPEG - 52.6 ko
Cynthia Niyonsaba na Diane Kaneza baremesheje ikiganiro

Ku ncuro y’i 7, ihiganwa mpuzamakungu ry’Isabukuru y’amareresi mu Burundi (Festicab) rizotangura kwigenekerezo rya 24-30 Ndamukiza 2015. Mw’ihiganwa ry’uno mwaka, hatororokanijwe amareresi 83, mu gihe mu mwaka w’i 2014 hari mw’ihiganwa amareresi 99. Ireresi zizohiganwa zavuye mu bihugu bikurikira: RDC, Rwanda, Tanzanie, Kenya , Uganda , Burkina Faso , Algérie , Egypte , Maroc , Côte d’Ivoire, Afrique du Sud , Ile de la Réunion , Ile Maurice , France. Harimwo 16 z’Abarundi zizohiganwa ku rwego rw’igihugu, 16 zizohiganwa ku rwego rwa Afrika y’Ubuseruko, na 35 zizohiganwa ku rwego mpuzamakungu, hamwe n’ireresi 16 zizokwerekanwa ariko zitzohiganwa. Ku rweo rwa Afrika y’Ubuseruko harimwo imwe, n’iyindi iri ku rwego rw’igihugu.

Ku civugo:"Ireresi n’agateka ka zina muntu", hazoba guhanahana ivyiyumviro no gusangira, bizobera mu kigo c’Abafaransa, hazoba ari kw’igenekerezo rya 28 Ndamukiza.

Tubamenyeshe ko amarere azokwerekanwa mu bibanza nka: ikigo c’abafaransa(IFB), ikigo co mu Kamenge(CJK), mu kigo ca Kaminuza(CELAB), ikigo ndangakaranga(Meet’we) na BUJA Café. hamwe n’ibibaza vyo hagati mu gihugu nka "Cinéma des Anges yo mu Ruyigi", ikigo "Alliance Française c’i Gitega na kaminuza y’i NGOZI.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.