Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Reta yatanguye kurondera abaforoma basubirira abirukanywe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Reta yatanguye kurondera abaforoma basubirira abirukanywe

Zimbabwe : Reta yatanguye kurondera abaforoma basubirira abirukanywe

vendredi 20 avril 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo BBC, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Emmerson Mnangagwa yavuze ko Reta iriko iraha akazi abaforoma bari bashomereye hamwe no kugarukana ku kazi abari mu zabukuru ariko bari munsi y’imyaka 70.

Ayo makuru nyene amenyesha ko , umuvugizi w’umukuru w’igihugu yavuze kandi ko abo birukanywe bashobora gusubira gusaba akazi nk’abakozi bashasha.

Abaforoma mu gihugu ca Zimbabwe bagiye muri yegereyegere kuwa mbere, igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2018, bashaka kwumvisha Reta ko ibahemba inyongera hamwe no gusaba ko bongerwa umushahara.

Ku ruhande rwa Reta, bavuze ko yari yasohoye amafaranga yo kubahemba izo nyongera, ariko abo baforoma bakavuga ko bashaka kubona ayo mafaranga ku bubiko bwabo mu mabanki.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.