IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Aba OPJ barya ibiturire barakebuwe

Aba OPJ barya ibiturire barakebuwe

lundi 15 Mukakaro 2013

Intumbero yo guhasha igiturire kivurwa mu gihugu ndetse no mu rwego rw’igipolisi, ni co cari cakoranije mu nama ubushikiranganji bw’umutekano buri kumwe n’intwazangabo zo mu gipolisi co kimwe n’aba OPG bo mu ntara z’Uburengero arizo ( Bubanza, Cibitoke, Bujumbura Rural, n’igisagara ca Bujumbura) Ku gira hashirwe ahabona icegeranyo c’ingendo zagizwe mu zindi ntara z’igihugu.

Mw’ijambo ry’ukwugurura ibikorwa muri iyo nama, uwurongoye akarere k’Uburengero ariwe Bertin Gahungu, yaramenyesheje uko umutekano wifashe mu karere arongoye. Muri rusangi amenyesha ko umutekano wifashe neza, ariko ko hari utuntu tumwe tumwe twagiye turacamwo, maze umutekano urahungabana. Amenyesha kandi ko kubera yegereyegere y’abigisha yari imaze iminsi, abanyeshure bamwe bamwe baciye baja mu ngeso z’ubuhumbu bw’ubushurashuzi, mu gihe batari bafise utwo bokora . Ikindi naco, ni yegere yegere z’abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi zama zikurikiranya, aho ubu naho bariko basaba agafashanyo kabo katevye kubashikira.

Abatungwa agatoke cane mw’ihungabanywa ry’umutekano mu karere k’Uburengero, ngo ni abagendesha amapikipiki kuko ubusuma bwinshi, n’ubundi bugizi bwa nabi butandukanye bwakozwe hakoreshejwe amapikipiki. Mu ntara za Cibitoke, Bubanza na Bujumbura Rural, umutekano wahungabanijwe n’amatati afatiye ku matongo. Ariko rero, abapolisi bafashanije n’abashinzwe intwaro hamwe n’abanyagihugu umutekano waragwijwe ndetse ukaba ushimwa n’abatari bake. Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’umutekano akaba yamenyesheje ko intumbero nyamukuru y’inama kwari ugushikiriza ba OPJ amategeko mashasha mpanavyaha.

Umuyobozi w’igipolisi Andre Ndayambaje, yaraneguye inyifato igayiotse ya bamwe bamwe bari mu rwego rw’igipolisi, ndetse iyo nyifato ikaba inatandukanye n’akarangamutima k’igipolisi, ndetse izo ngeso mbi za bamwe bamwe zigaca zituma Uburundi bugira ishusho mbi mu makungu. Yaramenyesheje rero muri iyo nama yariko iba kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Mukakaro uyu mwaka, uturorero tumwe tumwe tubi tw’amakosa yagirijwe bamwe mu bapolisi yaratwerekanye, aho ugukubagura abanyagihugu, ubwicanyi, ubusuma n’ayandi makosa amwe amwe bavyagirijwe.

Mu gusozera, ubushikiranganji bw’umutekano bwarateguye ingendo zaranguwe mu gihugu, aho intumbero nyamukuru kwari ukwishikira ku rubuga mu ntumbero yo kurandurana n’imizi ingeso mbi zivurwa mu bapolisi bamwe bamwe, eka ndetse n’ugukebura aba OPJ na cane cane ko batungwa agatoke, ko mu kurya ibiturire banyomoje.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.