Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ababuranira Muhizi Roger bitwariye abaganga bamusohoye ibitaro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ababuranira Muhizi Roger bitwariye abaganga bamusohoye ibitaro (...)

Ababuranira Muhizi Roger bitwariye abaganga bamusohoye ibitaro atarakira

mercredi 25 Ruheshi 2014

Abaganga babiri bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bitwariwe n’ababuranira Muhizi Roger, umunywanyi wa MSD yakuwe mu bitaro akajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Abo baganga babiri bagirizwa ivyaha bine bijanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu.

Muhizi Roger, ni umwe mu rwaruka rwafatiwe mu ngoro y’umugambwe MSD ku genekerezo rya 8 Ntwarante 2014. Amaze umunsi umwe afashwe, yaciye ajanwa kuvurizwa ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, kuko yari yarashwe ku kuboko kw’iburyo, ukwo kuboko kukaba kurimwo icuma. Ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bamumenyesheje ko yotaha, nawe ababwira ko yumva akirwaye, aho mukibuka ko urupapuro rw’ukumusohora rwaziye rimwe n’umutahe w’ukumuhagarika. Inyuma y’ukumucisha muri sentare ikukira Mairie ya Bujumbura, Muhizi Roger yaciye yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba ukuboko kwiwe kutarakira. Umuganga yariko akurikirana Muhizi Roger yamenyesheje ko ukuboko kwiwe gushobora kuzocibwa mu gihe atojanwa kuvurizwa i buraya, kuko hari umutsi wacitse (nerf radial). Gushika n’ubu, uruhusha rwo kujanwa kuvurizwa mu mahanga ntararuronka.

JPEG - 42.3 ko
Muhizi Roger, umunywanyi wa MSD

Ababuranira uwo munywanyi bitwariye mu butungane abaganga babiri bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bafashe ingingo yo gusohora ibitaro Muhizi Roger, kandi abari bamubaze ukuboko bari bamenyesheje ko atarakira. Abo baganga babiri bagirizwa ivyaha bine bijanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu (Torture, traitement inhumain et dégradant, non assistance à une personne en danger, atteinte aux droits garantis aux particuliers).

Nk’uko bimenyeshwa n’umushingwamanza Amedé Nzobarinda, umwe mubaburanira urwaruka rwa MSD rupfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, basavye umushikirizamanza mukuru wa Repuburika ko yokwugurura amatohoza, yongere akurikirane abo baganga basohoye ibitaro umurwayi atarakira.

JPEG - 42.3 ko
Muhizi Roger, umunywanyi wa MSD

Umushingwamanza Amedé Nzobarinda ariyamiriza ivyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane, mu kiganiro cabereye mu ntara ya Kirundo kuri uwu wa kabiri, aho yavuga ko ukuboko kwa Muhizi Roger kwamaze gukira, hasigaye gusa ko inguma zizimangana. Umushingwamanza Amedé Nzobarinda atangazwa n’ubwo bubasha uwo muvugizi w’ubutungane yihaye bw’ukuvuga ko Muhizi Roger yakize, kandi atabifitiye ubushobozi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mushingantahe NZOBARINDA,nagira ngire ico nkwisabiye,tabaranya riho ubanze witwarire umukuru w’umugamwe wa MCD,kuko ariwe yashuhuriye abana babandi mukanwa kimbunda,kandi umwitwarire kwizina ryabavyeyi bose babuze abana babo,bakomeretse abandi baguye mumunyororo,ndakwibutse ko we yivugiye ko ategerezwa kubabera incungu,naze ashigwe imbere y’intahe.rero uyo mugwayi wawe uce umujana kwivuza iyo zaburaya urimwokuvuga.wew ugomba kuvura igwara,aho kuvura ico kirimwo kuyitera,ndagusabe uvure uyo mugera wamutumye agwara,akomereka nawo witwa SINDUHIJE.nayo ngaho usa nuwuriko uriza abavyeyi bahamburiwe mukubura abana babao.Ndasavye kurundi gwaruka ruri mumigambwe inyuranye ko bomubonerako akarorero,bacire birarura,ntibazosubire gukwegegwa mumyivumbagatanyo yakamaramaza nkakarya twabonye,aho wewe ntaco wanze,urubanza gwariciye,mwene kubituma biba yaravyiyemereye,ntavyabona bikenewe,nugukurikiza amategeko gusa,uwo mugabo w’ubwanwa bwuzuye akanwa niwe muvuga ngo yarahenzwe?,nawunwe yunve ukuntu urura,niwe yawivugutiye,kandi atagenjeje bukebuke nugucika kuzocika,yarakwiye gusaba ikigongwe abavyeyi bamwibarutse,kuko yarabahemukiye mukwitwara uko bitari.kandi gwari rumukurukuye.

  • Urabona ibibazo uyo mwana muhizi aguyemwo kubera MSD? Raba rero ubu ntazokira kandi kubera atazokira ntiyoguma kwa muganga asesagura amahera naje mu mpimba kuko niho yakoreye:"urima intambara ukimbura mpimba!"

  • HAHAHAHA ROGER YIGIZE SAVIMBI HIHIHIHI AYO NAMAPETE YO MUKIROBERI AZOTAHO ARI KOMANDA ROGER, KUJAHANZE NAHO KWIVUZA AZOJAYO NIYABA ICEGERA CUMUKURU WINAMANSHINGA MATEKA MURI 2015 ADC-IKIBIRI IRIKO ITWARA!!!!!!!! KANDI NIZERE KO AZOVA MUGASHO YAHEVYE URUMOGI, KUKO SHEBUJA SINDUHIJE ARIRWO YAMUHENDESHEJE.

  • Amagara namazi aseseka ntibayore uyu musi ni MUhizi ejo ni mwebwe ni mube mureka kuvuga ayamuhe ubuzima bwanyu eka bwa twese n’Imana ibuzi.iyoba twari tuzi kazoza kacu ntiwovuze ayo dushaka

  • Amagara namazi aseseka ntibayore uyu musi ni MUhizi ejo ni mwebwe ni mube mureka kuvuga ayamuhe ubuzima bwanyu eka bwa twese n’Imana ibuzi.iyoba twari tuzi kazoza kacu ntiwovuze ayo dushaka

  • Amagara namazi aseseka ntibayore uyu musi ni MUhizi ejo ni mwebwe ni mube mureka kuvuga ayamuhe ubuzima bwanyu eka bwa twese n’Imana ibuzi.iyoba twari tuzi kazoza kacu ntiwovuze ayo dushaka

  • ndiyamirije aba DD kuri iyi site birirwa bavuga ubusa ubona ko nomumitwe yabo harimwo ubusa!!nagomba ndababwire ko twamenye ko muri ibijuju vyomurwego rwohejuru muri abicanyi ibisuma ibikunzi vyinda gusa!!turabizi!!urumogi ntawubarusha kurunywa niho naryashano ngo Adolphe Nshimireshetani asigaye afata abana babatutsikazi kunguvu agaca abamarana imisi 3 kugira ngo ntibagende kwikingira wamugera wiwe wa SIDA wa 100 volte!!!vyooose turabizi!!ntamahoro mufise murazi ivyo mukora ko arubunyamaswa buzwi niyo mpamvu mwama mushaka kwisigura nogutukana gusa!!mubuze indero ihabwa umurundi akwije ariko mwoyikurahe!!???ndihanije nabanyarwanda bama baza kuvugira kiriyi site bavugira aba dd gesa ubwiwanyu ibwino ntiburera!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.