IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abagendesha amapikipiki ntibancinjira mu gisagara ca Bujumbura

Abagendesha amapikipiki ntibancinjira mu gisagara ca Bujumbura

vendredi 19 Mukakaro 2013

Haraheze iminsi hasohotse itegeko ryavuye mu burongozi bw’igisagara ca Bujumbura ribuza abagendesha amapikipiki kurengana ibitarurwa vyinjira mu gisagara ca Bujumbura. Iyo ngingo yatanguye kuzana uruhagarara n’ukutumvikana hagati y’abagendesha amapikipiki n’abapolisi.

Ugeze ku bitarurwa mu gisagara ca Bujumbura, abapolisi usanga bagavye, bareretse ko ata pikipiki yobaca murya humwe ngo yinjire mu gisagara ca Bujumbura. Amasanganya akomoka kuri urwo ruhagarara yatanguye kwibonekeza.

Ku muhingamo wo ku munsi wa gatatu, Noëlla Nijimbere yarakomerekejwe n’intsinga abapolisi bazibirisha mu gihe yariko yunguruzwa n’uwugendesha ipikipiki ku kiraro ca Muha. Noëlla Nijimbere amenyesha ko yaguye muri izo ntsinga, n’agashambara yari yambaye karamutabukirako, ahakurwa n’abanyeshure bariko barataha.

Uwo mupfasoni yakomerekejwe n’izo ntsinga akaba asaba ko yosubizwa amafaranga yakoresheje mu kwivuza, abapolisi nabo ko bokwigishwa ubundi buryo borangura imirimo yabo batabanje guhungabanya n’uguhohotera agateka ka zina muntu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.