IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abahoze ku rugamba biteguriye gushigikira ugusubira kwitoza kwa Petero (...)

Abahoze ku rugamba biteguriye gushigikira ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza

mercredi 1er Ndamukiza 2015, par Egide N

Urunani rw’amashirahamwe y’abahoze ku rugamba ruragabisha uwo wese uzoza yiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Mw’itangazo uwurongoye urwo runani yashikirije abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, yamenyesheje ko ata gahengwe muri urwo runani bazoha abazohamagarira abanyagihugu kwihereza amabarabara kubera ko Petero Nkurunziza amenyesheje ko azosubira kwitoza, muri urwo runani bati : "Turabagabishije."

Moise Bukuru, umukuru w’urunani rw’abahoze ku rugamba, ari kumwe n’umushingamateka Nzigamasabo Jean Baptiste batazira GIHAHE yatowe mu ntara ya Kirundo, yamenyesheje abarundi n’amakungu ko muri urwo runani bahagurukiye rimwe mu gushigikira amahoro n’umutekano.

Bemera ko Petero Nkurunziza amaze gutorwa rimwe gusa

Abagize urwo runani bagabisha abanyeporitike, hamwe n’amwe mu mashirahamwe uwo arongoye urwo runani avuga ko yiyita ayadaharanira ivyicaro vya poritike, akayagiriza ko yikika inyuma y’ikiringo ca kabiri ca Petero Nkurunziza, mu guhungabanya umutekano, hamwe n’uguhamagarira abanyagihugu kuja mw’ibarabara.
Babagabisha ko ata gahengwe bazobaha, ko bazobiyamiriza bivuye inyuma.
Abo bahoze ku rugamba bemeza ko bamaze kwitorera umukuru w’igihugu rimwe gusa mu 2010.
Moise Bukuru agira ati : " Mu 2005 yatowe n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka, abo nabo twebwe turazi ko atabo twatumye. "

Mw’ihoteri Source du Nil aho abagize urwo runani basomeye iryo tangazo, nta mumenyeshamakuru n’umwe yaronse uburenganzira bw’ukubaza ikibazo na kimwe, abo bagize urwo runani bakaba bariyamirije kandi n’abagumyabanga ba CNDD FDD baheruka kwemanga ko badashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, bakabagiriza ko bataye akarangamutima. " Dusavye abenegihugu kudaha amatwi abanyeporitike bataye akarangamutima, aho usanga ari ba sesankuyoze, ba nijimbere, ba mpemukendamuke, bakokeza ingwano batari buyigwane, kuko aho twayirwana bari bibereye i buraya, muri Amerika n’ahandi .

Abo bagize urunani rw’abahoze ku rugamba bagabishije abazokwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, mu gihe hari amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yamaze gutanguza isekeza yitiriye "Halte au 3e mandat", ayo mashirahamwe akaba yamenyesheje ko umunsi Petero Nkurunziza azomenyesha ko asubiriye kwitoza, ariwo musi ayo mashirahamwe azoca ahamagarira abanyagihugu kwihereza amabarabara biyamiriza ikiringo ca gatatu kitazoba cubahirije ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha.


Egide Nduwimana

Messages

  • Murihenda kuko ntimuzonanira imiriyoni hafi 9 z’Abarundi n’Amakungu na Bagbo yarabafise ariko nticabujije kwatembagara nubu akaba aboreye mugasho kandi simwe mwenyene muzi kugwana gusa tuzohura rindira.

  • Uwo Nzigamasabo batazira Gihahe ko tuzi ko ari umushingamateka, yakoze ivyo atatumwe? Twe ko tuzi ko abashingamateka baserukira abanyagihugu, Gihahe asigaye aserukira utugwitugwi? Ikindi naco, sinzi ko abo bagabisha abandi ko bo batakiri abarundi nkuko abiyamiriza 3mandats ari abarundi!

  • Abo ba paysant bafise ubuhe bubasha bwo kugabisha ibanyagihugu?
    nanje ndagabishije iyo mihimbiri, nihagira uwirya urwara izibonerako!
    Izarangiriza ubuzima bwayo mumpimba!
    jewe nkoresha mategeko! izo nizimwe mujeri pita yavuga. Tuzozahira umuti.
    Piter na que terminer son dernier mandant . Sinon il va le regretter!

  • ibiri kubera iburundi biteye ubwoba imana ifashe abavandimwe baba rundi ntihasubire kumeneka amaraso nkayahamenetse mubihe byahise

  • iyo mihimbiri yari izi ki barabanza babahe agasabuni biyoge baheze bavuge politique, igihugu cacu carariwe nubuyabu murakitwara agatwe mwabinywa maraso mwe.

  • Yemw bona ari amayobera? mbe komwagiy kurugamba mugashiraho bene yany nda ubu bakagurisha n indege ntibabagurire n ishati, i pantalon ou ikirato co guserukana mu bantu! yemw mwarahenzw nubu genda mury 5000 babahay ariko ntiwibagire ko avamwo 1 kg y isukari. merci et bonne chance ibisigay tuzobiraba ufise amaraso atukura nka yanje. aho wibaza ngo usuvy ubwenge ba leonidas n abandi bo ko baretse kwasama wibaza ngo inda zabo zarahaze! nuko ataho kubirira hakiriho naw kanura ubone inda ni seha uzana kandi isi iratwanka twese ikwereka hafi yaw niyaba utarabibona ntaco ubereyeho ariko vyiza wokwisubiraho ukubaka uburundi bw ejo tukazokuvuga neza dans l’histoire du burundi haranina kubaka aho gusambura.

  • uzorusha abandi ubwenge n’imbaraga azotware,nubundi atanumwe ansumira ivyo mpa abana, gusa mupfa kudahira hira ngo mumene amaraso nanone.

  • tura.Bashigikiye.Twese.Abarundi.Tumaze.Kumutora.Rimwe.Amajabo.Abanyeporitike..Baguma.Bastoza.Reta.Yankurunziza....Ntawuzoyajako.Kuko.Niko.Bakina.Prtk.Birabasha.Tuzobasora.Mumatora

  • nibitegure neza iconzi nuko ataribonye bagiy mwishamba canke kumenya inkoho reka bawatse hama turabe jew nama nivugira ahunga aba bimenyerey

  • Iyo nkuru iraryoshe ariko namashure arakenewe kuko umushingamateka umwe wese arazi ico akora nabo aserukira nibazeko baserukira abene gihugu inyishu nayo iraho nyene ushigikiye ikiringo ca gatatu vyemange ariko ntuhubishe abantu

  • @ Ader
    Noguhanura kugenda kwishure bagasubira bakakwigisha ukungene bandika ikirundi. Mbe abashigikiye kusubita guhonyanga amategeko kwa Petero nkurunziza bose bategerezwa kub’ ari ibijuju bitazi guharura no kwandika ikirundi ???? ???????????????????????????????????????????????????????????????????????????????????????????????????????????

  • Ariko urwo rugamba bavuga barwanye ni uruhe?Ko Peter atafashe igihugu ku nguvu.ko yagiyeko ku bw’amasezerano ya Arusha naho abo bavuga ngo bahoze ku rugamba baba bararutsinze? Niba bararutsinze bazofate Bikomagu n’abandi babazwe ivyo bakoreye Ndadaye

  • Moise Bukuru ati " Mu 2005 yatowe n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka, abo nabo twebwe turazi ko atabo twatumye. ", hahahaha.... wa wundi ngo "le riducule ne tue pas!" ntiyabeshe kweli. None Moise ntaramenya gushika ubu ijambo "umushingamateka ico risigura"??

  • banyagihugu n’uburenganzira bwanyu mugihugu kirimwo ukwishira nukwizana ubwobubwebwe nibuje kukinka canke mukibira tubufyete nayo mubanyagihugu ho burihenda bukubite n’ikofe umnyagihugu tuzobuha amasa atarenga abiri yokubereka ko tutiganye igisoda

  • jewe numva ko bashaka nubundi ko abanyagihugu abasubiragupfa batazi ico bazira ntabwobishoboka ko nyakubahwa peter nkurunziza yosubira kuba president ubugira gatatu atari ugushaka ko amaraso aseseka.merci

  • Mukiganiro mpejeje guha abanyamakuru: twagz duti: Uherey ubunyene Bukuru Moise na Peter turabiyamirije twese abarundi n’abarundikazi. Ubwo ko wumva ariwewe uzi kurasa enda fata inkoho tukwereke mwabigwarudubi mwe! Ahubwo n’indoto zibari kumaso! Mwibaza ngo nimwe mwagize kuba mwishamba mwenyene murahumba! Rindira gatoyMukiganiro mpejeje guha abanyamakuru: twagz duti: Uherey ubunyene Bukuru Moise na Peter turabiyamirije twese abarundi n’abarundikazi. Ubwo ko wumva ariwewe uzi kurasa enda fata inkoho tukwereke mwabigwarudubi mwe! Ahubwo n’indoto zibari kumaso! Mwibaza ngo nimwe mwagize kuba mwishamba mwenyene murahumba! Rindira gatoya...

  • Mbega aka kagabo ngo ni Bukuru kize amashure angahe? Kabaye mwishamba imyaka ingahe? Sha umuhendehende uhenda amavyi kandi bitajana! Wewe rindira tuzokurya hama tukune iyo bata amazira ntoke. Komeza...!

  • Je nanje ndi umwe mubasubijwe mubuzima busanzwe mvuye mugisoda c’igihugu rero uwo muntu twebwe ntaduserukira ahubwo niyivugire nabo barikumwe kuko twebwe tubura aho tuvugira kuko hariho vyishi tubo akarorero nimyimenyerezo gisirikare iriko irakorwa nabamwe bayitirira abasiti nk ingozi, ahubwo vyabateturukanye kuko ntawe basumvya kurasa.

  • Gusa turabasavye mudukurikiranire ibi vy’imyemenyerezo yagisirikare nayo uwo yigira ngo araduserukira ahubwo niyitegure tuzobagwanirize hamwe.

  • HA IMBONERA ZIRAGOWE ZIRYA VYOOSE.

  • None mbaze uyo Bukuru numurundi wahehe nagende kuko ntazinivyavuga none nkuguha ubutware nkuyo atazi nijambo nivyovyise uburundi ariko Imana iriho.

  • Harihabantubamwe barenzamukuvuga ahusanga iyobavuga ikintucokwica abantu bakumva kubivugamengo ninkumuntu avugako yiteguye kuzana iterambere mugihugu! Umvanamwe abakukuruke bavuzati ntituzokwemerera abazana akaduruvayo yishimikije ngwariko ariyamiriza Nkurunziza, abandinabobahimvye mbese batanari nomuburundo ngotwebwe twahoze mu gisirikare cubirundi ngontimudusumvya kurasa! Jewe nkibaza nti nkununtu abonayibereye hanzeyu Burundi yumva ibivuzwe mu Burundi agaca avugango ngwarimuburundi ngoyiteguye guhangana ngokandi ntawumusumvya kurasa yobavyobihugu babamwo arivyobibigisha ivyogushusha umitwe yabarundi barihano Burundi ?

  • Arikp sua abahutu ntabwenge mugira mwebwe muriyibagije imyaka nimyaka Muri mugacinyizo ka uprona arilo ubu mwafashe igihugu Muri kuntwaro muvuga iryo mushatse mugire mutangure kuryana??? Aho basha umutuzi narinda yongera kugifata muzoce mumenya iyo muja kuko burya ntimwibaze ngo baranezerewe nukubona umuhutu yishira akizana akavuga iryo ashatse musubize amazo inyuma mwibuke Muri 1972 ayo umuhutu yahaboneye mwongere mwibuke muri 1988 ntega na marsngara mwongere munatekereze ko uprona yabatwaye imyaka 40 .

  • Barundi bene wacu, twese turazi ingwano DD yagwanye, jewe ndasetswa niyo bavuga Ngo abahoze kueugamba. Nca nibaza urugamba bagwanye nkarubura. Rumwe go mu makambi y’impunzi muri Tanzania? Eka niyo havuga ABA FNL umuntu yari no kugira ubwoba kuko nibo bagwanyi tuzi vagwanye n’abakomagu. Naho DD nukwijajurira. Burya umupfu ntiyinukira. Koko DD ibona yama yirigwa mu mabarabara yikoza ivyo yikoza Ngo ntituziko atarugamba bashoboye. Bihende nagato maze baze babone ayo imbwa yaboneye kumugezi. Burakeye tuharabe.

  • Uti uzokubitwa uboshwe iyombwa itazi ko nivyo avuga vyose bitibagirwa vyandikwa. Mubwire ko azotangara ko azofatwa mpiri hama azoheza asubiremwo kuvuga ivyo ariko aravuga. Uti uvuga ivyo utazi wa mu paysan we ati nico gituma turiko turiyamiriza iyo ngoma yanyu y’iterabwoba. Imisi yawe iraharuwe wa nterahamwe we.

  • umve benigihugu c’i Burundi,abakera bati:<<IJAMBO RIBI RIVUNA UMUTIMA BWACA RIKAJUGUMIZA URUBOHO>>.Rero ico nobasaba mwese mwandika mwandike muziko ubuhinga bwa none buguma butera imbere.Bibiriya nayo iti:<<URI NAMATWI NIYUMVE ICO MPWEMU IVUGA>>.Murakoze.

  • Gihahe we aho bukera turaguhehesha amavyi

  • umve benigihugu c’i Burundi,abakera bati:<<IJAMBO RIBI RIVUNA UMUTIMA BWACA RIKAJUGUMIZA URUBOHO>>.Rero ico nobasaba mwese mwandika mwandike muziko ubuhinga bwa none buguma butera imbere.Bibiriya nayo iti:<<URI NAMATWI NIYUMVE ICO MPWEMU IVUGA>>.Murakoze.

  • Erega ntimuguge gutryo twebwe competence dushaka arazifise ntituraba ivyamashure mwishamba bariga?ivyo twize ntimubizi ni ukwica-kwiba- n’ugusambura

  • Ivyonibijuju bazopfa babatekera amasahani nubureta ngobarademobirizwe!!!imyaka cumi10atwaye yakoziki atarukwitsa abanyagihugu nukutera inzara mugihugu??ntamvuridahitabasha mumwemeze ngwatware harigihe muzahunga amahoro bidagishoboka komeze mwambwamwe za ba dd

  • Ivyonibijuju bazopfa babatekera amasahani nubureta ngobarademobirizwe!!!imyaka cumi10atwaye yakoziki atarukwitsa abanyagihugu nukutera inzara mugihugu??ntamvuridahitabasha mumwemeze ngwatware harigihe muzahunga amahoro bidagishoboka komeze mwambwamwe za ba dd

  • Ivyonibijuju bazopfa babatekera amasahani nubureta ngobarademobirizwe!!!imyaka cumi10atwaye yakoziki atarukwitsa abanyagihugu nukutera inzara mugihugu??ntamvuridahitabasha mumwemeze ngwatware harigihe muzahunga amahoro bidagishoboka komeze mwambwamwe za ba dd

  • Mbega mu Burundi hamaze kuvuka umurwi w’iterabwoba? Uwo murwi witwa gute? Kuko ntiwitwa urunani rw’abahoze kurugamba. Abahoze ku rugamba ni benshi kandi murazi ko batatsinze ahubwo bumvikanye. Mbega aba DD bamwebamwe basigaye bibaza ko aribo bagiye kurugamba gusa? Ico nobabwira co ni uko amakungu amaze kuvyumva. Petero Nkurunziza ati uwuzorutangura ruzohera iwe ruherere iwe. Abarundi bati uwurwikarihirije ruramumwa. Umubanyi wanje yavyay umwana amwita Ndambembone abantu baramutwenga ngo yamwise izina rya kera. Hmu ehhh!!!

  • Nzigamasabo Jean Baptiste batazira GIHAHE yatowe mu ntara ya Kirundo, yamenyesheje abarundi n’amakungu ko muri urwo runani bahagurukiye rimwe mu gushigikira amahoro n’umutekano.Reka ivyo ndavyemere none Gihahe ntutinya umuriro? mbe amahoro n’umutekano mwahagurukiye bili muraya majambo mwashikilije? ngo:( yamenyesheje ko ata gahengwe muri urwo runani bazoha abazohamagarira abanyagihugu kwihereza amabarabara kubera ko Petero Nkurunziza amenyesheje ko azosubira kwitoza, muri urwo runani bati : "Turabagabishije).Kugabisha urazi ico bisigura? Ntagahegwe tuzobaha wobisigurira amakungu?muruhe rurimi.Ntiwitiranye I gihugu na ya Nkambi y’impunzi y’i Lukole.Umaze guhaga none ngo ntagahegwe uzoha abatemera ikiringo ca 3ca Petero Nkurunziza,wipfuza gusubira gusabiriza icupa mu tubari?Nimwemere ko amategeko akurikizwe kandi amasezerano ya Arusha yubahirizwe.GIHAHE igihe tugiye kwuririra kuri PAM ko nabonye wasubiye inyuma urugamba uvuga wahozeko nuruhe?

  • ahubwo gihahe numusazi kandi burya kuba inkandagira bitabo warangiza ukisuka muri politic sivyiza ubu ushaka kuzana bimwe vyi lukole mbe uburundi wibaza ko arubwanyu none ubu muri cndd kweri mwaramuze umuntu wumushingantahe yo kunganira nkurunziza ubu murevye musanga ntawundi mufise yotwara uburundi Atari njurunziza sha intambara irasenya nriyubaka ariko mutama rwasa aragitwaye kweri nimwihangane mwokwemeye mugapfa nkabagabo ko gutsindwa ari ibisanzwe

  • ese urwo rugamba muvuga mwarwanye mwarutsindiye hehe? mwatsinze bande?abtsinzwe barihe? muze muba abantu batekereza ndibaza ko mu burundi harimo ibijuju nabize .abvuga ko barwanye intambara bakayitsinda nabagiye i Arusha mubiganiro byatumye haboneka amhoro mu Burundi ninayo mpamvu ibyo biganiro byatanze amahoro bitegerezwa gukurikizwa urudome kurudome.Nkurunziza ahimiriza abarundi kwiga nuru runani niruje kwishule rwige kugirango ruze rumenya gutandukanya intamabara namasezerano,gutsinda ,gutsindwa kunganya cg kwumvikana kuko ntawatsinze cg ngo atsinde ivyabaye i Burundi rero ni 50% ntawatsinze ntawatsinzwe ivyumvikanywe i Arusha nibyo byokubahirizwa.atarivyo Tanzaniya ,Rwanda,Congo muzongere mutwakire muducyumbikire cyane cyane ko nu Rwanda rwatanguye kutwubakira Inkambi kubava muri Kirundi

  • Bahaze nabi pe!! Gusa bareke baje barandika basinya, abandi bifitiye ubwenge bavyegeranye, babibike. Hari umunsi tutazi bazicuza ico bavyandikiye.
    Mu gihugu kimwe ntavuze izina ariko nubaha hari umugabo yavuze ijambo muri 1990 (NGO AZOSUBIZA ABANTU IYO BAVUYE ABACISHIJE MURUZI RUMWE RWISUKA MURUZI RUNINI RWA MBERE MURI AFRIKA), ico gihe yaciye aja kuba i Buraya kugeza aho bamwamburira Visa na Nationalite bari baramuhaye. Ubu isi yose yaramwanse (eka n’igihugu camwibarutse), ariko arabazwa ivyabaye muri 1994 bifitaniye isano n’iryo jambo ngo niwe yateguye ivyo vyo muri 1994 kandi vyose vyabaye atanahari. Namwe ba Gihahe courage!!
    Mbabazwa n’uruvyaro rwanyu mukwegera kuzitwa ivyo batakoze.

    Navuga simvura!!!!!

  • Moise Bukuru Batazira Gihahe Umukuru Wabavuye Kurugamba Aribotwita Abademubirijwe Narekekubahenda Kuko Azoba Ariko Arabaroha None Ntabonako Ikiringo Cumukuruwigihugu Kwocaheze,mbega Ahoyagiriza Abamenyeshamakuru Ngobaciye Bigira Inyuma Yigihugu Mbenga Iyarikuba Umu Menyesha Makuru Yarigukora Iki?Ahubwo Niyumvirize Iryoshirahamwe Halte 3é Mandant Ryiyamiriza Ikiringo Ca 3 Cumukuru Wigihugu Kwokuruwomusi Wokwemeza Ikiringo Ca 3 Kwo Murugorugendo Kwoyoba Arimwo Rwokurwanya Ico Kiringo Kukovyomufasha Akabahomumahoro None Niyabaho Ariwenye Azokungura Iki?Ashakagusubira Mungwano Nkiyavuyemwo Baravuzekweri Agatoki Gakunda Gukombakamakahese Aho Ntiyabumbwe Nivyoyasahuyemuntambara Ashakakwongera Kurarakumigono AbarundiBibereyemumahoro.Arikobagombabazire Ukuri Mbega Inama y’iyarusha Ntaco Imubwira Amakungu Avyiyamiriza hoho Ntabônako Atakarenganyo Karimwo.

  • mbe iyo mihimbiri itwiyitirira ko iduserukira ngo yararwanye ko tuzi ko ata nagatumba bigeze bafata ahubwo aboba bamuzi baramubwira acire birarura, kuko turiteguye gufatisha intoke uwo wese azotera intambara gusa barivyivugiye izoherera iwabo.

  • mbega mwebwe muzobuza abantu kujamwibarabara nkanda mufise uruh ruhara mugihugu muraray mumitw

  • Ntaw dushak!!!! nagend ntac yatumariy

  • komera turabashigikiye twebwe bvene gihugu.!!!!!!!!!!!!!!!!!!azitoza

  • Icombona Nibareke Atware Ibwirizwa Shingiro Ryubatse Nabi Niyompavu Ok

  • Mbega Nyakubahwa Museveni yashitse kuki?vyase?muburundi poritique irakuze nihindugwe.p6

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.