IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abahoze ku rugamba basavye ko amatohoza yokorwa kuvyagirizwa (...)

Abahoze ku rugamba basavye ko amatohoza yokorwa kuvyagirizwa Imbonerakure

jeudi 17 Ndamukiza 2014

Abahoze ku rugamba basubijwe mu buzima busanzwe bahurikiye mw’ishirahamwe N.C.C.V.A bararajwe ishinga n’ibivugwa ko ibirwanisho vyatanzwe ku rwaruka rw’Imborakure, kandi urwaruka rwari rurajwe ishinga no guhangana n’ibibazo vy’ubuzima bashobore kwiteza imbere. Abo bahoze ku rugamba basaba ko amatohoza yokorwa.

Abahoze ku rugamba basubijwe mu buzima busanzwe bahurikiye mw’ishirahamwe N.C.C.V.A (National Civilian Corps Volunteers Association) bamenyesha ko basubije ibirwanisho ku mugaragaro kandi kugushaka kwabo umunsi basubizwa mu buzima busanzwe, ko atakintu na kimwe cotuma basubira gufata ibirwanisho.

Egide Hakizimana, umukuru w’ishirahamwe ry’abahoze ku rugamba amenyesha ko mu gihe bivugwa ko urwaruka rwoba ruriko ruhabwa ibirwanisho, bikaba bizwi ko no muri urwo rwaruka rw’Imbonerakure harimwo abahoze ku rugamba basubijwe mu buzima busanzwe, basavye Reta ko yoshiraho umurwi wokora amatohoza aho hose havuzwe ko ibirwanisho biriko biratangwa, gurtyo abanyagihugu bamenye neza ko ari ikinyoma canke ukuri.

JPEG - 510.8 ko
Egide Hakizimana, umukuru w’ishirahamwe ry’abahoze ku rugamba

Abahoze ku rugamba basubijwe mu buzima busanzwe bibukije abarundi n’ababa mu Burundi ko amakuba igihugu cahitiyemwe mu kiringo c’imyaka irenga cumi ata murundi w’umutima yo kwipfuza ko yogaruka. "Nta n’umwe atabuze kandi bose barabonye ko ingwano idatora, amabi y’ibirwanisho turayizi n’uwarota agarukana intambara n’ave i buzimu aje i buntu, twubake igihugu cacu c’Uburundi."

Abahoze ku rugamba basubijwe mu buzima busanzwe bahurikiye mw’ishirahamwe N.C.C.V.A (National Civilian Corps Volunteers Association) barangiza basaba abanyagihugu bose kubandanya bafatanye mu nda, bime amatwi ababasamaza, maze bijukire ibikorwa, bose hamwe bitwararike umutekano, ari nawo mushinge w’iterambere rirama.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.