IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abahutu 26, abatutsi 26 n’abatwa 2 nibo buca batangura inyigisho muri (...)

Abahutu 26, abatutsi 26 n’abatwa 2 nibo buca batangura inyigisho muri ISCAM

samedi 1er Ntwarante 2014

Amanota y’abanyeshure bagiye kwemererwa kwiga mw’ishure rikuru ry’intwazangabo ISCAM (Institut Superieur des Cadres Militaires) yamenyekanye. Abashika kuri 54 akaba aribo batowe kugira batangure inyigisho z’umurwi ugira wa 45 kuva izo nyigisho zitanguye, mu Burundi.

Nk’uko bimenyeshwa na Colonel Aloys Bizindavyi arongoye iryo shure rikuru ry’intwazangabo mu Burundi, ibikorwa vyose vyo gutora abo banyeshure vyabereye ku mugaragaro, ndetse ubwoko, n’intara bikaba vyubahirijwe. Imikangara y’abarundi igera ku 200 akaba ariyo yari imaze igihe kigera kw’iyinga iriko irageragezwa. Muri abo, 146, bakaba baciye batekera utwabo igihe c’isaha zine, barasohoka ibigo vya ISCAM, kuko batari bamenye nk’uko vyipfuzwa n’umurwi wari ujejwe kubakurikirana.

Tukabamenyesha ko muri abo 54 batowe kugira bashobore kubandanya inyigisho, 26 ari abatutsi, 26 abahutu mu gihe 2 ari abatwa. Intara zose zaraserukiwe, kiretse intara ya Cibitoke itaronse n’umwe. Intara ya mbere ifise benshi akaba ari Makamba ifise abanyeshure 9, nayo Bururi ifise 5, mu gihe Ngozi ifise 3. Muri abo banyeshure bashasha kandi, abahutukazi babiri, hamwe n’abatutsikazi babiri nyene, bakaba bashizwemwo mu nyuma.


Aristide Nizigire

Messages

  • Agahinda. Ntibitangaje kubona Cibitoke ibura numwe. Niryari Cibitoke yigeze yoroherezwa mwico gihugu? Ndadaye twabaye abambere kumutora atwima numushikiranganji numwe. CNDD - FDD iraje nayo nyene itwina numushikiranganji ahubwo ikaza ifata abimukira Ngo baserukiye Cibitoke. Akarorero ni- Umukenguzamateka Yovita Ava muntara ya Kirundo ubu aserukira intara ya Cibitoke. None ako gasuzuguro tuzokihanganira gushika ryari? AMA nomination yose akorwa na President Nkurunziza nta nimwe ndabona IBA irimwo umuntu numwe wimvukira. None bashaka dufate ibigwanisho maze nacu twinzizwe kunguvu. Muga ico tuzira nuko twama turabambere mukuhwanya akarenganyo. Ikindi naco Ngo ntitwize, eka Ngo ywaranse kuva inyuma ya Palipehutu- FNL. Kimwe nuko umusi urizina tuzobereka ko ubugabo bwihabwa. Abo nabo vadahwa Ngo bakurikije Arusha equilibre ethnic na regional, murateye isoni. Mbe mwibaza Yuko turi ibijuju. Bururi Makamba sibo benshi mugisorikare? None hoba equilibre regional kandi hari intara ikomeje gukumigwa mubuzima bwigihugu. Canke muduhora ko tutiyumvamwo CNDD-FDD. Turasavye Yuko Sarapion n’umukenguzamateka Karisansuma Jean Bosco ko bahavurukira ikibazo ca Cibitoke. Ataruko naho nugu hamagarira intara yose maze twiyonkore kwico gihugu.

  • akarenganyo ntikazobura vyoshika gute cibitoke ibure numwe?mugabo nivyo nabashingamateka baduhenda usanga bababaje bava muzindi ntara ex:alexis worabaneza ntiyobura nabandi.uzawumva ngo vyavuye hejuru kugira bajeko.ahotwahendewe nikera

  • Cibitoke mwatoye kwibera imbonerakure, ishure muribagira, izi nigarukambi yo kuba imbonera kure

  • Josua uvuzukuri dukwiye kwiyonkora tukagira igihugu rwacu kuko badukumira muntwaro.mugabo reka turindire tuzotore FNL nayo vyase tuza twikukira

  • Reka turindire2015 haraho bazikubita agashi.Sindavyizera cane.chanceyanyuma tuyirindire kubandi bashasha bazotorwa.Cibitoke ngo ntacabwenge ufise?Hama abaja kubutegetsebose ubuwambere gute mukubafasha?Uzi ivyo twakoze en 1990 mukwimoshaimpara bigatera buyoya ubwoba.

  • Mwari wewe Uri umbunuza nkabandi. Kuko waba waruziko ntambonerakure ivuka mu Cibitoke ntabwo wari kuruka nkuko. Reka nkubwire imbonerakure ziri mu Cibitoke izarizo: Ni Abapagasi, abakozi, nabamanuka bake bomowe ninzara yo muri : Kayanza, Muramvya, Ngozi, Mwaro, Kirundi, Gitega, na Karuzi. Kubira ako kagaye tugiye kubatuza maze amateke twabagaburira dupfume ruyagaburira Ingurube.

  • Mwari wewe Uri umbunuza nkabandi. Kuko waba waruziko ntambonerakure ivuka mu Cibitoke ntabwo wari kuruka nkuko. Reka nkubwire imbonerakure ziri mu Cibitoke izarizo: Ni Abapagasi, abakozi, nabamanuka bake bomowe ninzara yo muri : Kayanza, Muramvya, Ngozi, Mwaro, Kirundi, Gitega, na Karuzi. Kubira ako kagaye tugiye kubatuza maze amateke twabagaburira dupfume ruyagaburira Ingurube.

  • Abahutu mwibagira nabi kabisa!muraziko cibitoke ibakuyeko amaboko mwogira ingorane?ivyo bagaza na. Uyoya badukoze namwe mubandanirijeko?genda afric yepfo muzane umuhungu avuka I Ndora yitwa Arcade abaserukire sinon muragowe

  • Abahutu mwibagira nabi kabisa!muraziko cibitoke ibakuyeko amaboko mwogira ingorane?ivyo bagaza na. Uyoya badukoze namwe mubandanirijeko?genda afric yepfo muzane umuhungu avuka I Ndora yitwa Arcade abaserukire sinon muragowe

  • Mwatubeshe ngo mwakurikije equilible ngo Intara zose zaserukiwe,wapi aho abanye Cibitoke mwabadendereje,none Cibitoke ugira ntiyaserukiwe?kubiriki mutatoye n’umwe basi yoba yasumbije abandi mubavuye mu Cibitoke?nubwo yoba atakwijije amanota asabwa ariko kuko mwipfuzako intara zose ziserukirwa!aho muteye inzigo mbi abanye Cibitoke,kandi mubateye kuja gufata ibirwanisho kuko muraziko abanye Cibitoke banka akagaye kandi ntimwibagireko n’imihari irwana ikunda kuturuka mu Cibitoke,aho rero mwahihendeuye,ahubwo mugire aho bukera mutumeko n’umwe aze nahubundi muragowe.musiceze nawatu wa Cibitoke( CBC )

  • Hari umugani baca ngo: Quand le sage montre la lune, l’idiot regarde le doigt.
    Najewe mva mu Cibitoke. Mugabo mbabajwe n-uko akaranga kambere ku barundi bene wacu ari izuru, hagakwirikia intara.

    Ces jeunes ont àpeine 20-25 ans. À ce rythme, je vous annonce au minimum un autre demi-siècle de médiocrité. Ngo la plus belle fille du monde ne peut donner que ce qu’elle a: none abo barereshejwe amacakubiri y,amazuru n’intara mugomba bazotange iki ?Jusqu’àce que, un jour, un quasi-messie vienne sonner la fin de la récréation.

    Ndabivuze ngende jewe Mwene Rwasha rwa Ntare

  • Nkiza erega iyo Arcade ntavuka Indora. Ahubwo avuka Mukayanza niba utamuzi rero bimenye. Erega nibimwe vya BA DD. Niyo arcade ntana yagamukama agira. Ahubwo ntakundi nugukurikira notre General Shuti. Maze twinzizwe niburiburi dufise naba Generaux na 20. Ahubwo batugiriye neza mugihe abaporona botega iki bomb mwiyo Escam yabo ntawacu yohagwa. Cibitoke fata ibikoresho maze tuze kunyara abo basavya ntete. Nkurunziza numumenja mubi. Uzi ukuntu agaya abanye Cibitoke? Nguyo afashe umututsi Wo mu Kayanza yitwa Isai, amugize ambassadeur miri Africa Yepfo, Ngo Ni equilibre regional hama Ngo aserukira Cibitoke. Emama Ngo avuka I Butahana. Nibara. I butahana ntamututsi ahavuka.jewe hamwe ndibaza ivyo bijuju Ngo nimvukira ziri mu BA DD niba bashaka yiki.

  • Honorable Alexis turamusavye ntaze yihende ngwaragarutse munta ya Cibitoke ngwaje kwitoza,kuko ntaco atumariye!ngo Cibitoke ntancabwenge ziriyo habuze numwe atorwa?ivyo mwabibonye hehe?ahubwo nakarenganyo bamye barenganya intara ya Cibiyoke.mbega General Silasi Ntigurirwa arongoye Amissom yose muri Somalie sumunye Cibiyoke?General Ndakugarika sumunye Cibiytoke?none sincabwenge?Hon Alexis turamwiyamirije kuza aratuvanira abana kumashure ngo baje gushirira,kandi turiyamirije n’imigambi y’amavoka muntara ya Cibitoke kuko Cibitoke turikwije kuvyamwa.

  • Honorable Alexis turazinezako ari umunya Muramvya,ivyo aduza amazuru ngo n’umunye Cibitoke ntaze ahirahire mumyiyamamazo ngwaraje mu Cibitoke kwitozaho ngo twongere tumutore,ivyo yadukoreye twarabibonye,narye ivyo biramaze.nihitoze uwo bagendana yitwa Claude avuka mu Rugoma,ugira ntiyize?nyakwije imyaka yo kuba umu Depite?nabariwe yitoza maze abanye Cibiyoke batwarwe n’uwaho,maze abo ba kavantara tubasezerere.

  • jewe nama nibaza ikintu kibuze kugira ngo les vrais natifs de Cbtk bafate ibirwanisho biyonkore kurico gihugu cabanyaburundi nkakibura, kandi birashoboka habuze ishaka gusa, birantangaza cane kubona ukuntu umukuru wigihugu akengera abanye cibitoke mukwama aha abakavantara ama postes mubutegetsi bwiwe abitirira abanye cibitoke, bamwe baba bivugira iyo bageze muntara za ruguru bavukamo ngo" ikibiribira ni mu cibitoke ariko umutima ni I muramvya, kza, Ngzi,....selon iyo baje bava" ariko nivyo abahutu bibagira vuba,iyataba ukurinda n;ubukerebutsi bwaba nyecibitoke abo bose bagara baba bakigendere musi y’ibirenge vyanya bururi, ariko igihe kizoshika vyose bihunduke, it’s a matter of time! surtout abanye cibitoke barabe abo banyaburundi baje guca ingero muntara yacu nibo batubereye intambamyi. ariko Trop c ’est trop’ abanye cibitoke ntidukwiye kuba imperekeza z’abo bahutu baruguru twakuye mubuja.

  • Komera kumuheto mwese mvukira za Cibitoke.
    birateye agahinda kubona akarenganyo abanye Cibitoke turiko turagirigwa.
    kubera ico kibazo co gukumira imvukira za Cibitoke.
    incabwenge za Cibitoke twihweje dusanga dukwiri kugarukira iyo ntara isesa amata n’ubuki.
    tukaba twashizeho ishirahamwe twise" Cibitoke Native Association" muncamake "CINA" imigabo n’Imigambi mukaba muzo yimenyeshwa munyuma.
    turasavye Yuko mwokwiza iyi nkuru kumvukira zose .
    kubafise ico bobaza canke Bo terera mwoshobora kutwandikira kuri. "[email protected]"
    kwihagararako tukigwanira nivyo vyonyene bizodukura mukaga nokurangiza agasuzuguro. Imana iratubona

  • Ariko abarundi,muransetsa kucyi mutakwitwa abanya gihugu, kuba abatusi nabahutu naba twa bibamariye iki??niganye nabarundi hanze bakajya Ba mampagara bati we muhutu we,

  • Ntakundi tuvyemere uko na Nkurunziza siwe yabitanguye vyagize bagenzi we bamutanguriye niko babikoze.Gusa Incabwenge z,imvukira vyukuri zikwiye guhaguruka.Kare twagira ntawotwara atize hanze none mbona bagitwara.Gusa nikindi abaruguru bazi kwiyegerezaimvukira zitize mukuzihendahendesha ibintu ntacobimaze.Ariko ntitizoba nka Benghazi yagumutse yoyo ihenzwe nabazungu kandi bo baribafise intwari.

  • Abanyecibitoke niyobaronse ama poste muriyo DD yabo ntibamarayo kabiri raba Claude avukibuganda ukuntu yamagendanira President Ahoyabari nawe nihoyabarizwa ariko yagize ngwahawe akazi kogukora muri Presidence Ari Maitre d,hotel wrinkles mission kokuja muri Korea agarutse babonyeko agiye gutunga bamwirutseko babanza kumukura mukazi na Choral yaririmbamwo ya President baramwirukana gushikubu agorewe South Africa mwibaza koyaziziki suko avuka mucibitoke amatwi adusumira ngoyirirwa atwarimiduga kwa Mandera kandiyarakoreye igihugu kandi nubu arimuriyo DD ngoyaranse kuyivamwo yari ngoyirirwa ayivuga neza akibagirako ntaco yamumariye none Alexis kobagendanye yakoziki kukwaziko atavukahano nimwaba mushaka amajwi IBuganda. mubanze mumuzane tumubone kandi ivyobibanza mubiduhe kuko sitwe twohahera.

  • Oooooooooh Nikiza harico utazi aba DD nabanyamitwe wewe uvugango Claude baramwirukanye urabesha namba Atari uwitwa Nsabimana Jean. Claude uvuga gendumurabe ukoyanganye yaravyibushe asaneza ibihugu aguma abihinduranya yahora MOzambique ubunaho Ari Sud Afrique mwibazako ubwoburyo yobukurahe bwokwama aratembera ibihugu abikuranya atari nkurunziza abimuha ahubwo twebwe twabonyeko yobakoreshwa na adolphe mwiperereza bobabamurungitse kunenga abobbatavugarumwe kuko iyabimpunzi abari mwikambi nkabandi naho yibera muma etage muri Sud haruwavuzeko yaravye muringendanwa yiwe yisangiramwo amanumero yaba alexis adolphe aba Generaux gusa nahubundi urya suwanyu ntako FNL itamusavye guhindura akababwirakowewe atapolitique agikora mbere nkurunziza ntamuvuga mwizina yivugirango nimutama akibagirako mutama wiwe umugongo urimugucikira kumakinga harya mugasenyi iyabuwumva yarikuvibujimu akajibuntu nabo Mission ariko niyayirangiza azotaha icotwosaba nibaduhe ibibanza vyacu turonke ibisongerezi biduserukira Murakoze.

  • Jumaine naho untutse wantwegeje kabisa, gerageza roro mubirukane bareke kubatesha urubwa . Nayo ayomateke ntimuyahe ingurube ahubwo muyashore muronke amahera yo kuja kwishure okndacariko ndatwenga

  • Mwebwe murantangaza mbega ga Nikiza reka nkwibarize uvugango Claude yarahunze genda umurabe ukwamerewe wumvango arimwikambi yimpunzi yitwagute?murahendwa DD ifise tactic nyinshi ikoresha uryanumupererezi Nkurunziza niwe yamurungitse nikimenyamenya ibihugu aguma abikaba ubwoburyo yobukurahe butavuye kwa Nkuru nayokuuvugango azova muri DD imifuko murarota irya nimbonerakure Yahoraba mozambique mission yiwe yarayimaze nonubu yimukiye kwa Mandela niyaheza mission yaho nabo ubwobazamutumahandi nambatarurya yitwa Nsabimana Jean Claude gendamumurabe yibera muma gorofa muriririra mwebwe nahuryawe baramuhaye iyataba baramuhaye abayarabavuye inyuma ariko gendurabe Nkurunziza ntamuvuga mwizina amwita mutama icotutazi nukwariwe yamuvyaye ariko. Se arahari amenyeko buca bucanayandi.

  • Ubwo BWOKO, Ubwo BWOKO Mana yanje ntaho buzogeza Uburundi! Ahubwo rero bazobishire mu vyirwa vyigishwa mu mashure kuva muri primaire gushika muri za kaminuza kugira ngo mumenyeshe urwaruka rw’ubu itandukaniro riri hagati yúbwo bwoko 3, kuko hariho abazi ko itandukaniro ko ari amazuru ! ariko sivyo ! kuko umuhutu n’umutwa barasa ! hariho n’abatutsi bafise ibizuru binini nk’abahutu, eka hariho n’abahutu bafise akazuru kabaruye nk’abatutsi ! none ga yemwe mubona turiko tuja he kuri KAZOZA ? Mbega aho mu gisirikare kugira babenye icuri baraba iki, bapimisha iki ? ko kuri karangamuntu atakiba canditseko, nti mubona ko ivyo bintu ari UBUROFA ?
    Turakeneye intwaro y’Abarundi atari intwaro y’Ubwoko , nta numwe atazi aho vyagejeje u Rwanda .TUGIRE AMAHORO.

  • Hahahahaha , ewe Josua genda uri IKIJUJU gikwiye ! Kandi ndakwifurije kuguma wiyumvira gurtyo gushika aho hypertention izoturitsa umutima wawe !
    Mbega ubaye nde ? uri iki ? ufise iki ? RIEN et RIEN !!! Ziba rero ! !

  • Parfaite. Ubabajwe Niki? Niba utavuka mu Cibitoke ndibaza Yuko uwo mugambi utakuraba. Kurenganura ABA cinyizwa ndibaza Yuko Ari vyiza cane va ibuzimu muje ibintu. Ivyari imagera vyarageranutse. Ntibitangaje kwiyamamura bigeze hiyo. Ico womenya kugarukira abawe ntibikeneye amahera canke ibindi we wiyumvira. Nawe kwita abantu Ngo nibijuju urabanze werekane ubwenge bwawe aho bugarukira. Ndazi neza ko Josua Ari umwe mu ncabwe zivuka mu Cibitoke. Ntabwo twari bwumve umunye Cibitoke azana iciyunviro nkico. Urerekanye ko Uri umwe muba cinyiza abandi mu Burundi.

  • Baba bakwiye kugira abatutsi benshi kuko nibo ba passiona!!!

  • none cibitoke ihorwiki?ew mana yanj

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.