IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abajejwe intwaro ahahora umutekano muke basabwe kuvugana kenshi n’abo (...)

Abajejwe intwaro ahahora umutekano muke basabwe kuvugana kenshi n’abo barongoye

samedi 12 Ntwarante 2016, par egide

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy MBONIMPA asaba abajewe intwaro mu makomine yaranzwemwo umutekano muke ko boza baratunganya iminsi yose amanama y’umutekano bongere bashikirize ababarongoye ivyegeranyo vy’ivyavuye muri ayo manama.

Abakuru b’ama zone yaranzwemwo umutekano muke mu gisagara ca Bujumbura, ariyo Bwiza, Nyakabiga, Ngagara, Musaga hamwe na Cibitoke batumweko mu nama y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura hamwe n’uwutwara igiporisi mu gisagara ca Bujumbura. Muri iyo nama, Freddy MBONIMPA umukuru w’igisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko ashimishwa n’intambwe umutekano ugezeko muri utwo turere, agasaba abajejwe intwaro ko bokwiha intumbero y’ibikorwa vy’iterambere vyorangurwa muri zone barongoye. Freddy MBONIMPA yamenyesheje ko ategekanya gutegura inama n’urwaruka hamwe n’abaserukira amadini muri izo zone, kuko nk’uko yabimenyesheje, bafise uruhara rukomeye mu gukomeza amahoro n’umutekano.

JPEG - 79.9 ko
Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, ari kumwe na Domitien NIYONKURU, umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura

Domitien NIYONKURU, umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura, yasavye abajejwe intwaro ko bobandanya guhimiriza abo barongoye ko bokwitaba ku bwinshi igikorwa c’ukwiyandikisha mu makaye y’ingo (Cahiers de ménages).

Abajejwe intwaro bari muri iyo nama basavye umukuru w’igisagara ca Bujumbura ko yoza aragendera kenshi zone zaranzwemwo umutekano muke, kugira yumvirize ivyiyumviro hamwe n’ivyipfuzo vy’abanyagihugu.


IGIHE

Messages

  • Ntamanama yanyu dukeneye kuko ivyo muvugira muriyo atabindi atarivyo kubiba urwanko namacakubiri mubose rimwe bitayeko muraziko mwishizeho ntawabatumye ntawabatoye ivyo nibimwe vyanyawirarika mbega muza kugirisha inama abo mwamaze nyimba muzoja kuzibagirisha muri vyabinogo mwabarundamwo nomuri yamakontineri ahubwo haragezeko atamuntu numwe murimwebwe yoza arahonyoza ikirenge murayo makaritiye kuko atakindi kiba kibajanye Atari gutamba kumivyimba abo mwahekuye icodukeneye nubutegetsi bushasha bwizewe nabose nibwo tuzoheza tukumviriza ntamuntu ajejeta amaraso yabenewacu tukeneye ko aza kutugirisha izongirwa manama zanyu

  • Wesha tari ko uhubuka mukuvuga Jew narabatoy kand nibo nipfuza nayo ww utabatoy tu baragutwara kuneza cank kunabi ico nguhanura nuko wova ibuzimu ukaja ibuntu bitabibyo ukazibonerako.inyanka kubwirwa yabwiwe nuko amaso atukuye.

  • Tari urumugabo w’ijambo nkora muminwe,urasigatura ijambo imburamitima zikumva iminzerere mubitwi vyazo,izonyankaburundi ivyo binwamaraso nibitambe vyirorera biza kugirisha amanama ngo nurukundo bidukunda ehe nkico ngo gitwara zambonerakunya ngo nigipolisi ivyo vyiso vyaco vyuzuye amaraso canyagusanga mwene wacu mukinogo bamuhamvyemwo izomburamutima zikaja kumuhamba nk’imbwa ,umuryango utarubuze uburyo bwo kumushingurana iteka,ariko nabado nibarindire imisi ibikiye vyinshi ibinwamaraso,hari umumenja akunda kwiyandikisha ngo INKONA NTIYARUZWA,Ariko mbega nabo basangiye imigambi igayitse barazi icarico INKOROKORO ,batayizi barayibaza abakurambere,inyama zayo yirira inkona, nibitege rero inkorokoro igiye kwereka abarundi yuko inkona ariyo nyama yambere yikundira ,ahaaaaa,inkona irya isake ,inkorokoro ikikundira inyama y’inkona biraryoshe basi

  • kimwe babanze bagabanye unbwicanyi hama babagendire umutekano wabonetse.

  • Mbega iyo freddy ara komeye mumutwe mbega ashaka ku vugana na ma gufa canke imizimu nazi aho bashize imisore yo munyakabiga,ngangara,musaga ,cibitoke,mutakura,sha nurindire nawe ivyo binogo uzo bishiramwo umuryango wawe hama nawe wishiremwo wenyene

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.