IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > FORSC : Abafatiwe mu rubuga rw’ingwano ntibari bakwiye guca bagandagurwa

FORSC : Abafatiwe mu rubuga rw’ingwano ntibari bakwiye guca bagandagurwa

vendredi 2 Nzero 2015

Abajejwe umutekano mu ntara ya Cibitoke barabandanya ibikorwa vy’ukurondera abarwanyi boba binyegeje mu turere twegereye ahaheruka kubera ingwano zahuje abasirikare b’Uburundi n’abarwanyi bivugwa ko barenga amaja abiri atawuramenya abaribo. Mu runani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike baranegura kubona abafashwe baca bagandagurwa, mu gihe bobagizeko amatohoza amamuko yabo akamenyekana. Muri urwo runani basaba abategetsi kuva mugacerere.

Kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha imwe y’agatondo, mu Rwesero muri komine Murwi, intara ya Cibitoke, harumvikanye amasasu menshi. Yari abarwanyi bataramenyekana bari bateye, ariko igisirikare c’Uburundi kirabazibira. Abo barwanyi bakaba baciye bashwiragira mu misozi ya Nyamabuye, Mugimbi na Mahanzi, abasirikare b’Uburundi baca batangura kubakurikirana, bari kumwe n’abahoze ku rugamba hamwe n’urwaruka bivugwa ko yoba ari Imbonerakure za CNDD FDD. Ubutegetsi ntaco burashima gushikiriza kuri abo barwanyi, amamuko yabo, hamwe n’igitigiri c’abamaze gufatwa bagaca bicwa. Mu runani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike baranegura kubona igisirikare cihutira kwica abafashwe, kandi Uburundi bwarateye umukono ku mategeko mpuzamakungu yo mu 1949 agenga ingwano, ayo mategeko akaba avuga ko uwufatiwe ku rubuga rw’ingwano yambaye umwambaro w’abarwanyi, akaba afise n’ibikoresho vy’abarwanyi, ko akwiye guca afatwa akagirwako amatohoza, hakamenyekana aho yaje ava, abamutumye, abamushigikiye, mu nyuma agaca agirwa umupfungwa w’ingwano (Prisonniers de guerre).

Vital Nshimirimana, umukuru w’urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile) amenyesha ko biteye impungenge kubona umurwanyi afatwa agaca agandagurwa, n’amatohoza atarakorwa. Kubwa Vital Nshimirimana, abo barwanyi bafashwe bakwiye kubanza kwumvirizwa mu ntumbero y’ugukora amatohoza mu nyuma bagashikirizwa ubutungane. Mu gihe uwufashwe aca agandagurwa, muri runani FORSC bamenyesha ko hashobora kuba ukwikika mu kiza, n’abatari abarwanyi bakagandagurwa mu kivunga.

PNG - 650.1 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Vital Nshimirimana, umukuru w’urunani FORSC asaba ko amategeko mpuzamakungu agenga intambara yokwubahirizwa, kuko bizobazwa igihugu. Mu runani FORSC basaba kandi ko abategetsi bova mu gacerere, amatohoza agakorwa, abarundi n’amakungu bakamenya abo barwanyi abaribo, iyo baje bava n’uwabatumye bakamenyekana. Muri urwo runani baratangazwa kandi n’ukubona abahoze ku rugamba hamwe n’urwaruka bivugwa ko ari Imbonerakure za CNDD FDD bahawe inkoho, bakorana n’abasirikare mu bikorwa vy’ugukurikirana abo barwanyi, kandi igisirikare c’Uburundi gifise ingabo n’ibikoresho bikwiye.


Egide Nduwimana

Messages

  • Vital,umusoda iyo ari mungwano,ahuye nuwo barwana aramwica canke wewe akamwica.wewe rero ntiwigire nyoninyinshi abo barwanyi urabazi neza ntankeka.reka babice ahubwo ndashimira vyimazeyeabanyagihugu bo mu Cibitoke

  • NUBUNDI NTIBARAHERA ABO BAGWANYI NIBAGUHITANE UZE GUFATA ABO UGIRA IMFUNGWA..URUMVA KO UFISE IVYO UDASHIMA WEHO TUZOSHIME IVYIWAWE NYAKUBAHWA VITAR..ABOBARI MUGACERERE NABO BAREKE SIKAZIMA WEWE UVUZE NTITUKWUMVISE IRYO UGONA.

  • Oyaa wobica kurugamba,apana kubafata imbohe hama ugaca ubica. None ko reta ibazi abontu, ni igire ico ibivuzeko.

  • None ntuzi uwabatumye?simwe mwama musaba abanyagihugu kugwanya Leta!
    ugasubira ukababazwa nuko abanyagihugu bafashije igisota kugarukana amahoro!
    washaka bahunge ibintu biriko biyangara?nuko mutumva ,uzotanguza ingwano izomuhererako!

  • Ahaaa.Ndemeye Izo Ngabo Zica Zikuraho Amadayimoni Bari Baje Gukora Iki,sukugwana Reka Bakubitwe Uwabatumye Ntasubire Kwipfuza Guca Muntambara Kandi Abashavuye Ngo Bishe Abarwanyi Nababifisemwo Uruhara Nosaba Izo Ngabo Zacu Gufyonda Ivyo Bihere.Uwabatumye Avengwe Ashatse Aze Nawenye Ahavye Abandi Iyo Bari.Turikwije Mugihugu Cacu Izo Nyanka Barundi Ntizafuswe Zose Aha Barabereye Akarorero Abandi Urwaruka Ntirusubire Guhendwa.

  • ewe vitari ahubwo bagukorereko abo bagwana harico ubahoziho. wirirwa uhenda abantu ngo uravugira societe civil nonese ubu ntitubonye aho uhagaze?

  • Tres dommage!ndatangaye kabisa kwumva ijambo nkiryo. Mu gishingo co kwiyamiriza ubwo bubisha bwizo mburakimazi zigomba kudusubiza mwihumbi, arabonye kohabavye none ariko arabavugira ngo bapfungwe kugira ejo azotangaze ko hari abantu bapfungiwe ubusa bariko bazira ivyiyumviro vyabo. Jewe maze imyaka irenga cumi hanze y’igihugu. Nari maze kugira imyiteguro yo guhunguka inyuma yamatora noneho amajambo ya vital aranciye inkokora.Baramenyeye gukamisha intambara. Ahubwo ndasavye leta hamwe nabanyagihugu bose bahashe vigoureusement abo bansi bamahoro.Uwufashwe aturigwe kuko simbona urundi rubanza. Mbe ko bitwaza amategeko, ninde yombwira urubanza USAMA yaciriwe? apfungiwe he? nshaka vital anyishure.United states ntamategeko yintambara bazi? Where is Ghadaffi? RUBBISH STATEMENT!

  • Ntamatohoza agikenewekubijanye nokumenya uwarungitse abobarwanyi ahubwoturasavye leta yu Burundi igirane ibiganiro nuwomukuru wabobaribateye ahejejekwerura kwakorananabo mukudekarara avugako abarwanyibiwe bafashwe bakacabicwa.

  • biragoye caane kko gutuma abantu batagira uwubabazwa ni nicaha cohanwa.intwazangabo zakoze igikorwa zijejwe.

  • Non burya kuki abo bafashe baca babica.
    Amategeko avuga ko baba gira kwamatohoza
    Jewe ndibaza ko kuri abo barwanyi hari mwikintu kuko ntakuntu boca babica
    Ikindi naco abo bavuye kurugamba n’imbonerakure izo nkoho bazibahaye ubwo nyene canke bari bazisangamye??
    Ahubwa nakamaramaza .

  • Ariko njewe ndibaza abo ba Vital ni bantu ki? Reta irakwiye kubakenyerera, nta jambo bafise hejuru ya Reta yitorewe na banyagihugu, murababwire bitoze nibatorwa bazagire ico bashikiriza naho ubu ntaco bafise bavuga.

  • BARAGENDA BABAZE KABIRIGI NABIWE AYO BABONEYE I HUMURE MU CANKUZO.NUBUNDI AMATONGO YARAZE NIBABIC.NUBUSHO BWARUZUYE.AHUBW ABARUND TWES TUBAHAGURUKIRE TUBAKOMESHE

  • Nta matohoza akwiye turazi ababarungitse! Hama vital wewe uzokwama uri imbwa ku majambo acafuye wama uvuga kuko ibintu bigaragara nkivyo ukaba uriko uraduter induru

  • domage mugenzi vitali! Ijambo rigukunze riguma mu kanwa pe!!! wibangiye akaranga kacu n’uko uri umurundi!

  • ABARUNDI B,UNO MUSI SI BO B,EJO HAHISE NTA NTAMBARA DUKENEYE KUKO AMABI YAYO TWARAYABONYE N,UWUNDI YOBA AKIROTA INTAMBARA YUMVIREHO

  • Vital ahubwo nawe waribagiye kuba hamwe nizonjavyi uba waraye ushitseyo hanyuma izo nduru zikagabanuka. Ikibabaje nuko utigeze utera ivyatsi izo nyanka burundi zateye igihugu ariko ukigira umuvugizi wazo. Abanyagihugu baciye mumahano menshi ubu bariteguriye kugwanya bivuye inyuma uwo wese yoza kubahungabaniriza umutekano baronse bitoroshe. Guca muntara ya CIBITOKE, BUBANZA na BUJUMBURA vyo mubigire indahiro. kuko abanyagihugu baho baratotejwe bikwiye muntambara zaheze. ntazindi bakeneye. Nejo hakagira uwutera abarundi bose bazovira hasi rimwe bamugwanye. Kandi wibuke yuko impembo yicaha ari urupfu. muracapfa rero mukiriko.

  • Mana yo mwijuru ivyo abategetsi barimwo nibiki?

  • Bwa bundi abarundi ntimwumva. Vyongeye mwumvirayo. Nyakubahwa Umukuru w’igihugu yari yababujuje n’uko mutumva. None mugomba n’inzego z’umutekano zimuvuguruze kw’ijambo yavumereye! Ndztangaye cane. Ariko rero n’uwuja kugira imyiyerekano arivuga hanyuma amategeko agakurikizwa. Ba nyakubahwa ba aprodh na forsc; mwotubwira abaribo KO babatumye ngo mubavugire? Canke ni mwebwe nyene mwideguije? Ariko ababatumye Bose babasutse. Jewe mbona l’État iriko ivyifatamwo neza kuko iriko ikosora iwo ibona ariko aratoba isoko turiko tuvomako twese ariryo ry’amahoro. Ivyo kuvuga ngo izohava yitiranya sivyo; kuko uwutari aho hantu arafatwa muri mwebwe canke mu bandi ni nde? Soyez patients inzego z’umutekano ziracari a l’oeuvre nizaheza zizomenyeshabene gihugu ico zashitseko. Tubifurije ibikorwa vyiza n’umwaka muhire.

  • Vital?kuki utigeze wamagana abo barwanyi bateye igihugu?wumva koko wewe utiyagirizaicaha co gufatanaya nabo?gusa urabahenda kuko bazotikira

  • Umwe yiyita NWARI kuno munsi atavuze arihe?canke yanguye kurugamba hihihiiiiiiiiiiiiiiiiii

  • Izonjavyi nibabatuze kuko nabone baribaj kwica. Vital nawe nabo bakorana ahubwo bari bakwiye kugigwak amatohoza kuko ntakunt inyanka burundi zotera igihugu hama bagasimbira kwisunzu yinzu bavuga amajambo nkayo arik ntibitanganje ubu abanyagihugu twaciye murivyinshi ntidukeney gusubir muntambara nyenicubahiro yararivumereye kuwuzotangur intambara izoherer iwe ndashima ingabo zigihugu kuko zikor ibikorinka ndetse simuburund gusa niyobari mumakungu. burya inyenzi yisema yurira kumurundi winkoko

  • biratey amakeng hary turabizi ivyarivyo....nibo bazibahaye rek babereke...kilibaondes

  • vitari nabo mufadikanije...ni mwihangane pe.umntu agishaka kutwangaza,kuturaza rubunda,suwo kwihanganira...abanyagihugu barababaye kuburyo atantambwe bifuza kumwicanyi wese yotera...reka bapfe kuko ntibari baje gusiga amavuta abarundi benshi bigombera ituze mu miryango iwabo.

  • NYAKWUBAHWA’ HAKIZA, UWOWAVUZE YITWA NWARI ARIHO NTABWOYAGUYE MURABO BATEYE UBURUNDI EJOBUNDIYA HAHEZE BURYAWEWE ARIMURIBAMWE BASHINZWE KUBWIRABANDI NGO NIMUGENDE KURASA UBURUNDI NABABUBAMWO. ARIKO NDAZIGITUMA WABIVUZE KURYA NUKOWABONYE MENGO YAGIYE MUKIGANDARO CINCUTIZIWE ZARAYE ZIHUYE NIKIBAZO, EGO NIVYO IKIGANIROCOCO AKIRIMWO ARIKO ARANDIKA VYAVYIYUMVIRO VYIWE NYENE BIRIMWO IBITUTSI ARIKO NTIBISHOBOREKURENGANA KUBERA ABAJEJWE GUKURIKIRANA URURUBUKA BASANZE HARIHOVYISHIYANDIKA UGAHIGAMWO ICIYUMVIRO YATEREREYE NGIRAKAMARO UKABURA. JEWE NARIGEZE KWANDIKA VYOKWIFATIRAMUGAHANGA UMUNTURUNAKA MUNTUMBERO YOKUGIRA NDEBE KO IKIKINYAMAKURU GISUZUMA IVYOTWANDIKA BITAGIRA ICOBIMARIRA ABASOMYI MUVYUKURI NTIBABIREKUYE BARABITAYE. NIVYIZARERO NTITUZE TURATUMWANYAWACU TWANDIKA IBITAGIRA UMUMARO TUZETURANDIKA IBIFITIYE AKAMARO ABASOMYI, KUNEGURA UMUNTU UKAVUGA IMPAVU UMUNEGUYE, NOGUSHIGIKIRA UMUNTU NISAWA, ARIKO GUTUKANA NTACOBIMAZE.

  • Umwana uko umureze niko akura; umuntu ntiyakwiye kwiyibagizako ubutegetsi n’igisoda bihari harimwo abaciye mw’ishamba; mbega uko babafata boba baravyibagiye?, mbega abatwara ico gihe bagiye kwemera ryariko batewe kandi bazi abateye? Twaguma twumva ngo inyankaburundi, abiba inka, abadahangara abasoda........,Nivyizako abantu bava ku ntambuko bakaja kuyindi koko, amategeko akubahirizwa ariko kahise gafise uruhare rukomeye mubiba bur’iho" Ntawokwibagirako guhera uburundi bwikukira hakomeje kwicwa ababoshwe kanabone niyo batobana n’agakoni mu ntoke 65, 72, 88 Ntega Marangara kuduga kungoma zahanahanye hahanywe bande? Hasavye imbabazi bande? Amashirahamwe yahagurutse akavuga Leta ni ayahe? Amakungu yari he?. Abarundi nababubamwo bandi, umwe wese ku giti ciwe niwe akwiye kurinda kwanduza ibiganza n’umutima wiwe ku bw’Imana, ntibagasubiranemwo kuko arico abansi bateguye, bakanashakako bibaye byobafasha nk’uko vyabaye I Rwanda. Abatera si abakunzi b’Abahutu, s’ababatutsi sina babatwa! Ntazina bafise uretseko bakunda gutanga ibitambo abo bitako barwanira ngo;bigerere kuco bashaka. Munyihanganire ku mvugo kumbure"Ukuvugisha ukuri ntivyica umutumirano"

  • Uwutabony #ingaruka mbi z’intambara cg aho intambara #yadusiz,niw ashobora kuyiyumvira ariko abarundi twari dukwiy kugragza kuza #turwanisha #ivyiyumviro kuko intambara ntaho ishkana umuntu kirts #gusambura igihugu

  • Ahubwo mwese nuko muri bansumirinda manze mumenye nikubera iki bagwana ? none bikurahogute ? mubone kuvuga ivyomushaka kubenubundi muzokwama murira nuburundi bwame bugowe ntakabuza

  • Igikwiye nuko abateye bokwishira ahabona hanyuma basabe ikigongwe abarundi. Intambara yaratubabaje ntufukwiye kuyisubiramwo. Ahubwo tuje hamwe dutegure amatora kuko nta yindi nzira yo gushikira ubutegetsi. Burya amase ya kera ntagihoma urutaro. Imana yakire mu bwami bwayo abahenzwe bakishora ku risongoye.

  • Mbr vital wew urwkomeye kweli?gezaho twarabahinyuye.
    Nibabice niba harimwo namwenewanyu bakureho.
    Mwabatumamuziko dusinziriye?
    Uworukarisha rwomumwa.

  • Mbr vital wew urwkomeye kweli?gezaho twarabahinyuye.
    Nibabice niba harimwo namwenewanyu bakureho.
    Mwabatumamuziko dusinziriye?
    Uworukarisha rwomumwa.

  • Barongozi Buburundi Nyamba Vital Yovuga Amajambo Nkayo Biboneka Kwababajwe Nabaribajekwica BacababariboBapfa, Mugabo Ntababazwe Nabarundi Bagirabicwe Ivyavitari Mukabigarukiriza Ngaho Abarundi Turababara.

  • Opposition na société civile ntaco mutazokora ngo Uburundi bwakemwo umuriro ariko Imana iriho pe. Ntimumaramara. Ngo basasire tapis rouge abicanyi! Mwarataye imitwe. Uwuzotangura ingwano izoherera munzu iwe.

  • ariko mwese mwandika muvuga ko abantu bose bopfa?ko societ,civile nabayo bose bompfuma bapfa?? Abo bagwanyi muvuga harumuntu mwuvise,bishe!!!!!??ncanke banyaze??? None niba mukomeye mumitwe mwaba dd amaraso mwibaza ko azobaryohera gushika,ryari??mbega mwebwe nwandika ?ko denise yari mugihugu na nyina wankurunziza numuryago ariko,atawigeze abahora ico nkurunziza yariko arakora

  • Vital mumufate na Mbonimpa ibi bintu barabizi kuko babaye abavugizi babacengezi bafata inzirakarengane zabanyagihugu nabashinzwe umutekeno ko ari banyagupfa.barabizi nabo bakorera barabazi baminye

  • Ndasavye umuntu yitwa MAKEREE KAMA NI MAKEWE...ABA sWEDEN NUMUNYAMACAKUBIRI MUBIII KANDI MUBI JEWE KUBWANJE NDAMWIYAMIRIJEEEEEEEEEEE...............UBUHUTU NUBUTUTSI BWARAVUYE KURI PAGE..IMANA IMUBABARIRE AGUMA AVUGA AMACAKUBITI TUMWIYAMIRIZE TWIVUYE INYUMA ...TWESE ABARUNDI MURAKOZE//MUKWIRIKIRANE IKIGANIRO KARADIRIDIMBA ARAMARAMAZA ABAHUTU NATWE TURABAHUTU ....ARAKITWARAAAAAAAAAAAAA abantu bariko basiga ubuzima mbe arabazi uwo mu DD??? NUMUNYAMACAKUBIRI

  • uWO MUNTU YIYISE pHILIBERT NTABAHO OH MON DIEU ATUKA ABANTU KUBERA IKI??? UZOSANGA ARIWE ABAYE IMBWA NKA KURYA YAVYANDITSE ..NTAMUSHINGANTAHE AVUGA AMAJAMBO NKAYO
    EREGA PHILIBERT WEWE CANKE ABO MURIKUMWE UBAHIRIZA ABANDI WEWE IRYA MIRYANGO YABUZE MBE WEWE WAYITUMBEREYE URABE AMARIRA NAGAHINDA BAFISE??? UWOGUSHIRA MURI ICO KIBANZA WOKWIFATA GUTE??? ISONERE UVUGE IVYUBAKA APANA GUTUKANA URI IKIMENABANGA

  • mwese murabesha nimpaka ic’imana yavuze kuburundi gishike.Hanyuma umuntu wese yosenga nicogikuru.ntibibatangaze vyaravuzwe nabimana yatumye mbere bamwe barirukanwe mugihugu abandi barapfungwa.ntimutangazwe nivyo nibindi abantu batihanye muzobibona.dusavye abantu bose kotwo kwambara amagunira tukisiga iminyota nki ninewe imana itubabarire.amen

  • ICONZI UMUNTU YISHIKANYE KIRAZIRA KUMWICA ARI KO MURASHOBORA GUSHIGIKIRA UMUNTU AFATA UMUNTU YAREMWE NIMANA NAHO YOBA ARI INKOZI YIKIBI CANKE UMUTUTSI UGACA UMUNOKORA AMASO?UKAMUCA UBIHIMBA VYUMUBIRI ABONA?IMBONERAKURE NDAZI KO ARIZO ZABIGIZE ZIZOKWICUZA UMUNSI BAZOBONA ABARUNDI BABANYE NEZA BITORERA UWUBATWARA MUMWIDEGEVYO ATA WURYA UMUTIMA UWUNDI.IMBONERAKURE ZIMWEZIMWE ZIZORWARA MUMUTWE KUBERA ABANTU BAKEREYE BATARI IMPENE ....MURI BUKA WAMWANA WO MUKANYOSHA BATWARA BAKAMUNWESHA AMARASO YA MUGENZI WE BAKEREYE !!!!!KIZWA.

  • Mana dufashe ntikindi gikwiriye

  • Mbega wewe MATATI, ushatsekugerakuki kuvuga ngo nubwoyoba inkoziyikibi ngo anke umututsi?

  • IGIHUGU CUBURUNDI KIZOKIRA IGIHE ABAHUTU, ABATUTSI, ABATWA, ABAGANWA,TUGIYE HAMWE TUKAGWANIRA DEMOCRASIE TWAPFIRIYE NTIGENDE AKAGIRIRE.
    NAHO NI UKOMORA CNDD FDD KUBERA ACABATUNYE BAFATA IBIRYANISHO BARACIBAGIYE .KANDI VUBA KUKO IGIHUGU KIGEZE AHATEMBA !!!!!!!!

  • vital ararenza.mbe ko ata munsi ndumva adobora narimwe ngo TURAKEBUYE ABO BATERA BABIREKE?kuvyukuri twovuga ko FORSC yifatanije n’abakunda guhungabanya umutekano wigihugu.

  • nukuri biteye isoni nagahinda kuko ivyabaye nagahomerabunwa

  • Jewe Nduganire Uwu Yavuzeko Twese Twojahamwe Kugirango Turonke Amahoro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.