IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abamenyeshamakuru bo hanze bagirizwa guhamagarira abanyagihugu mu (...)

Abamenyeshamakuru bo hanze bagirizwa guhamagarira abanyagihugu mu myiyerekano

vendredi 12 Ruheshi 2015

Mu gihe abatavugarumwe na Reta biyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bavuga ko imyiyerekano ibandanya,ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko ata myiyerekano irangwa mu gihugu.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre Nkurikiye,ubwo bushikiranganji bumenyesha ko ata myiyerekano irangwa ku butaka bwose bw’igihugu,haba mu gisagara ca Bujumbura canke hagati mu gihugu.

Pierre Nkurikiye yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko, nimba hari amakuru akivugwa ko hari imyiyerekano,vyagirizwa abamenyeshamakuru bakorera ibinyamakuru mpuzamakungu kuko aribo binjira mu mazu hagati bagahamagarira abanyagihugu kuja mu mirwi,baririmba indirimbo ziyamiriza umukuru w’igihugu kugira baronke amasanamu berekana.

Innocent Muhozi arongoye urwego rwo guhanurana hagati y’abamenyeshamakuru,avuga ko ibishikirizwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano ko ataho bifatiye kuko, atahari bantu boja mw’ibarabara baraswa, baterwa ivyuka bikoroza amosozi,kugira banezereze abamenyeshamakuru.

Kubwa Pacifique Ninihazwe arongoye rimwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike yishinze kwiyamiriza ihonyangwa ry’amasezerano ya Arusha,amenyesha ko imyiyerekano itahagaze,ahubwo gusa ko abanyagihugu batinya kuraswa n’igipolisi mu gihe gikoresha amasasu yica.

Mwomenya ko myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanguye mu mpera z’ukwezi kwa kane.

Messages

  • none ko atamyiyereka ihari abo ba polici bagavye bakora iki???? ni batange amasaha abiri gusa habe iyo myiyerekano babibone

  • Erega murundi ntimumurenganye umuntu bakuye mwibarabara hirya yejo bakamushira aho yobura kutavugira peter?

  • HEHEEE,INTARABONA ISYERA IHAHA YIBAZA NGONINYAMA.FOCODE ARATANGUYE KWEMERA KOBATINYA AMASORO.MUGITANGURA KOMUTAYATINYA.BUDGET , OBAMA YABAHAY MWAYIMAZE?INKONA ISHAVUYE NIKO IKORA .MURASHOBORA KWITA MURUZI MWIBAZA NGONIKIZIBA...NAHO BIRUKO IMANA IRACICAYE KUNTEBE Y IMBABAZI MBEGA MUSAVYE IKIGONGWE NTIMWOGIHABWA??

  • iyo myiyerekano iragoye kuvuga. igitangura abatari bake (ntawovuga ngo bose) twarumva ko ifise ifatiro. ariko uko imisi ihaca ritera riyoka, umaze kubona hasubiye aka 95-96, hakajamwo canacane urwanda, uca ubona ko intumbero ihushanye. ari naco hituma uwoshaka yozibukira. intwaro z’inguvu si ubwambere tuzibonye kari agaciyemwo, ngo aho umworo yanikiye ntibwuma, mbaye nkeshimana (rupande) umworo ntaraguza aba agiye kuruhama. abanyaburaya bishakiye canke bafise ico barondera baraduha amahera, kuko nakare ni basokuru bayaciye inkoni iri kumugongo ikimoko kunyo, vyanse naho bakiyoza icuya n’amaraso. ivy’urukundo ntabirimwo. uhitamwo kwemera bakagukoresha hanyuma bakaguha, canke bakagufyita. uwobona bacuditse uno munsi ntabite incuti zishika ejo bishobora guhinduka. nico gituma utorya mwenewanyu wishimiye ibi canke biriya kuko haca akanya ukamukenera ukicuza. reka turindire abasimbiye murwanda nabo ico bizovamwo.

  • Uwo Mutegetsi Nimwiza Basi Ryuu Atari Bwa Bwoko Bubi Bwama Bushinyamenyo Mumbeho Yo Mumugamba

  • Melchiade we urantwengeje none abo bashinya amenyo bagutwaye iki urahumba buba ubwoko bubi canke bwiza muzobana nyabuna. Iyo mvugo yawe yarataye igihe zana imigambi myiza nyabuna yo kwubaka Uburundi.

  • Melchiade we urantwengeje none abo bashinya amenyo bagutwaye iki urahumba buba ubwoko bubi canke bwiza muzobana nyabuna. Iyo mvugo yawe yarataye igihe zana imigambi myiza nyabuna yo kwubaka Uburundi.

  • Uyu mugabo yabisobanuye neza kabisi. Ibyo abanyamakuru bohanze bakora ni ugutekinika. Gusa abarundi muhumure kuko nahano muburayi abantu benshi bavumbuye ko ari ibihuha. Ubu babuze ibyo bandika kuburundi none basigaye barabuze icyo babeshya.

  • erega uwomurundi ntakundi yovuga mwibagiyeko arimubarindiriwe na sentare mpuzamakungu?yaramaze kurugwamwo abamaze kwica napolice bose arimubazobabazwa.

  • Nivyo kabisa nacane cane nka radiyo BBC gahuza Nizindi...

  • Ariko gupinga ivyugu mu porisi avuze nukeerekana komwamaze kubarurangiranya mububeshi! Umva jewe uyundikondavuga nijewe ndimubafashe amajwi yuwariko aratubwira kodukwiye kuzojamwibarabara tukavuza ibintuvyose bishoboka ngokuko hazoza abamenyeshamakuru mpuzamakungu ngobarashaka gufata amasanamu murimumyiyerekano ngokandi bashakako mwozobamuribeshi ivyondababwire narabitikoze vyose mwibabga nafashe aga simu ndagashira muri record noneho ncandagashira mumufuko wishanti wokugatuntu ndababwirako vyafasheneza amajwi arumvikana nezacane. Jewerero naciyengenda ndavyumvisha umupolisi asanzwe acambwirango twogenda ku Bureau bakabirikodaneza! Tucaturagenda dusangaho umutegetsi waba polisi womubwoko bwabatutsi ambonye yibajijeko bamfashe aravugango uwowewe nibiki? Abapokisi twarikumwe ati uyuyarisanzwe arimuribariya biyerekana ariko yadukoreye igikorwaciza, nawengokimezegute? Atiyumvire, avyumvise yaranezerewe acavugako agiyegusaba abamukuriye kugirabitangazwe kurwego rw’igihugu nampuzamakungu ngokuko dukunze kuvugako hariho abamenyeshamakuru mpuzamakungu bakoneje guteza gushusha imitwe yabarundi bamwebagaharira. Bacabarambwirango ntidushaka kukurebera abantu bawemuvugana atariko tugomba tu record ayamajwugusa barabimora, nguko ukwabajejwe umutekano bakunzekuronka inkuru zasimusiga nizereko ayomajwi mumisi bazoyashira ahabona mwese mukavyiyumvira.

  • Imyiyerekano iracahari mu Burundi bwose. Igipolisi ca Nkurunziza nigihagarike kwica abatavuga rumwe n’ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza barabe ingene abanyagihugu biha amabarabara yose biyamiriza ubwo busuma. Ico kinyoma cabo ntigifata!

  • Mwumvirije Bbc Mumwanya Yagize Akoba Bagiye Baduga Mu Ntara Ntimugarukire I Makamba Gusa Muce Mu Kayogoro Rutana Karusi Gitega Na Ngozi N,ahandi Muvuge Ivyiza Rero Ndifurije Musaga Nyakabiga Na Ngagara Umutekano Mwiza Tuzohurire Guhindur,ibintu Mukazuk,amatora. Mariya Ingabire Nagira Nkubaze Uri Umuseribateri Canke Urubatse?

  • Uwokwihenda Nuwosubiragukorankivyo Niyombari Nabobarikumwe Bakoze.

  • Aho Ga Ntiwihebur Urafis Nubwo Kurahura?Iyo URiko URavuga Womengo Iyo NKona Wiryako Niyaso Impanga Irakwica Mukajana Sha,ikimbabaza Ni Umunyagihugu Atazi Na I Usanga ATa Kubona Ko Mumz NKinda Ku Muntu.

  • nibareke.guta.umunva.kobugaye.amaradio.ayandi.bakayaturira.ubunaho.batanguye.abohanze.kubera.ivyobakora.tubimenya.turihanze.yigihugu.

  • @ntitwihebure
    Abasimbiye mu rwanda ngo bazogaruka baturira,ngo baraza bagasubirayo baje kubwira familles ivyo barimwo,rero vyamenyekanye,nico gikuru!

  • ariko abarundi ku gihuha muri abambere mbe uwababaza aho izo ngabo ziri mu rwanda mwahavuga reka guteranya ibihugu ugira neza ukabizira kuba urwanda rwarakiriye impunzi bivuga ko ikibazo ariko abayimvura uko muzumirwa kuko muricara mugahimba ivyo muhimba ngo rwanda imfashanyo urwanda rugezeho 6% mugihe uburrundi muri 53% mwumva aho urwanda rwigejeje rukiri muri ayo matiku yanyu adahera murababaje kabisa

  • ariko abarundi ku gihuha muri abambere mbe uwababaza aho izo ngabo ziri mu rwanda mwahavuga reka guteranya ibihugu ugira neza ukabizira kuba urwanda rwarakiriye impunzi bivuga ko ikibazo ariko abayimvura uko muzumirwa kuko muricara mugahimba ivyo muhimba ngo rwanda imfashanyo urwanda rugezeho 6% mugihe uburrundi muri 53% mwumva aho urwanda rwigejeje rukiri muri ayo matiku yanyu adahera murababaje kabisa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.